IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza basabwa kureka kudindiza urubanza rw’abanywanyi ba (...)

Abacamanza basabwa kureka kudindiza urubanza rw’abanywanyi ba MSD

mardi 28 Gitugutu 2014

Urubanza rw’abanywanyi b’umugambwe MSD abarukurikiranye baremeza ko ikibanza rwabereyemwo cari giteye ubwoba, ku buryo abashaka kurukurikirana bahuye na zimwe mu ntambamyi, aha tukavuga abari bambaye impuzu z’icatsi kibisi, abigeme bari bambaye impuzu zerekana ibitugu n’abatagira karangamuntu batashoboye kurukurikirana, eka n’abandi benshi bagumye hanze.

Ku bwa Petero Karaveri Mbonimpa arongoyye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo, abona ko urwo rubanza ruriko ruradindizwa nkana, agasaba ko urwo rwaruka rw’umugambwe MSD urubanza rwabo rwocibwa, abera bakera, hari abagirizwa icaha nabo bahanwe. Petero Karaveri Mbonimpa akabandanya asaba abacamanza kwerekana ko bigenga koko, ntibabandanye gukoreshwa ku nyungu za bamwe.

Umukuru wa APRODH rero akaba yarakoreye abo banywanyi b’umugambwe MSD igitabo c’impapuro 79, kirimwo umwe wese urubanza rwiwe, ndetse n’aho yafatiwe n’ibimwagira. Eka no mu runani ruhurikiyemwo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, babona ko kuburanishiriza abanywanyi b’umugambwe MSD aho basanzwe bapfungiwe kwari ukunyegeza urwo rubanza bagashaka kurucira ahatabonwa na bose.

Vital Nshimirimana umukuru wa FORSC akaba asaba ko amategeko yokubahirizwa, abo banywanyi b’uyo mugambwe bafashwe bamwe bari mw’ikarashishi, abandi bari mu nama y’umugambwe bakarengutswa, nayo uguha urwo rubanza intumbero ya poritike kugira bavundire muri iryo bohero, bigahagarara. Uwo arongoye FOPRSC akamenyesha ko vyatangaje abantu kubona abo banywanyi ba MSD barenguka, abacamanza nabo batagira dossier y’urubanza, ndetse ugasanga hari n’abandi batarengutse kandi urubanza rwabereye aho basanzwe bapfungiwe.

Messages

  • mwabagabomwe ntimubesha murarenza ngobafatiwe muri siport mbega ko buri wagatandatu nuwamungu amabarabara yose yomugisagara cabujumbura aba yuzuye abari muri sport abaporisi barazi abandoned mad Bose nawewe gamutama ntasoni kubesha nimvi kumutwe mutwemeze kobari munama bagatera amabuye polc bakanyuru 2polic vrement mutama reka bapasfqe na bavitari babeshe kuko turazi ikibitera kwari ukwigira aberanda ngo cvr niyaza abe aribo bazobazwa ivyabaye gutyo babone gukira yamajana yabanyeshure bicishiriza muri kaminuza

  • Muburundi bwacu hasigayehari akayoberabahinga,twumva ngo ubucamanza bwigenga,ariko ibikorwa uwufise ubwenge acabona ahobihengamiye,kwarukurondera inyungu yuyucanke uriya.nonebarasiba kwambika izera abokwambitswe ivyatsi? Eshe ubucamanza bwogarukana ukuri muburundi hoboneka agahengwe. Ukurinikwo kbuze!!!!!!!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.