Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubanza rw’abanywanyi ba MSD rwahawe irindi sango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abanywanyi ba MSD rwahawe irindi sango

Urubanza rw’abanywanyi ba MSD rwahawe irindi sango

mardi 23 Nyakanga 2014

Sentare ntahinyuzwa ntiyashoboye kwumviriza mw’ido n’ido urubanza rw’urwaruka rwa MSD rwafatiwe ibihano, inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’urwo rwaruka n’abaporisi, kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Urwo rubanza rwaciye rushirwa ku rindi sango kubera basanze hari bamwe muri abo banywanyi ba MSD batari bwamenyeshwe urubanza rwaciwe na sentare y’iyungururizo.

Ku uwu wa mbere niho vyari bitegekanijwe ko sentare ntahinyuzwa yumviriza urubanza rw’urwaruka rwa MSD. Abagera kuri 31 akaba aribo bari bitavye, baherekejwe n’abababuranira, hamwe n’abanywanyi benshi b’umugambwe MSD. Umushingwamanza Gedeon Mubirigi, umwe mubaburanira urwo rwaruka yatumenyesheje ko urwo rubanza rutashoboye kuja mw’ido n’ido, kuko basanze hari vyinshi bikibuze mu madosiye, aho akavuga nka bamwe mu banywanyi bataramenyeshwa urubanza rwaciwe na sentare y’iyungururizo. Sentare ntahinyuzwa yaciye itanga isango yo kuwa 27 Gitugutu 2014.

Tubibutse ko umunsi urubanza rw’aba banywanyi ba MSD rusomwa na sentare rubamba, ababuranira abo bafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD bamenyesheje ko batangajwe n’ukubona ubutungane bwarabimye ijambo kuvyo bariko barasaba, bakamenyesha ko ribaye irya mbere kw’isi, aho abashingwamanza bankirwa guhabwa umwanya wo gusoma ivyo abo bafasha kuburana bagirizwa. Abo bashingwamanza bamenyesha ko urubanza abo banywanyi ba MSD baciriwe rutubahirije amategeko, kuko hari abatari bwaronke ababafasha kuburana, abandi nabo bakavuga ko batashoboye kuronka umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, bari kumwe n’abashingwamanza babo. N’aho basavye kwongerwa umwanya imbere y’uko baburana, nticabujije ko bamwe muribo bacirwa umunyororo wo guherayo, abandi nabo bahabwa igihano c’umunyororo w’imyaka 15. Mirongo ibiri na babiri bambitswe izera, abasigaye bahanishwa umunyororo n’amande, harimwo n’abazopfungwa ubuzima bwabo bwose.

Sentare rubamba ikukira parake nkuru ya Mairie ya Bujumbura yafatiye ibihano abanywanyi b’umugambwe MSD, bamwe bakaba bari bafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo mu mishamirano y’abo banywanyi hamwe n’abaporisi kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Abandi banywanyi muri abo bafatiwe mu mihingo itandukanye, bagirizwa ko boba bari inyuma y’imigumuko yatumye abanywanyi ba MSD n’abaporisi bakomereka.

Mwokwibuka kandi ko muri abo banywanyi 70, abagera kuri 48 batigeze baburana, kuko bari basavye ko abashingwamanza babo bohabwa umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, abandi nabo mbere bakaba bavuga ko batari bwaronke abababuranira.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.