Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Michel Nurweze "Rwembe" rwungururijwe ku rindi (...)
Urubanza rwa Michel Nurweze "Rwembe" rwungururijwe ku rindi sango
vendredi 18 Ndamukiza 2014
Urubanza rw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega, Michel Nurweze batazira "Rwembe" rwasubiriye kwungururizwa ku rindi sango, kubera abaporisi babiri bamwagiriza urupfu rwa Léandre Bukuru batashoboye kurenguka, ku mvo z’umutekano wabo.
Sentare isubiramwo imanza y’intara ya Gitega yashize ku rindi sango urubanza rwa Michel Nurweze "Rwembe" vyari bitegekanijwe ko ruburanishwa ku munsi w’ejo kuwa kane. Amasura abiri y’abaporisi amwagiriza ko ariwe yagandaguye umunywanyi wa MSD azwi kw’izina rya Léandre Bukuru ntiyashoboye kuhashika aho ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014, ku mvo z’uko bagitinya kuza gusura bagiriza iyo ntwazangabo yo mu giporisi c’Uburundi, urupfu rwa Léandre Bukuru, umunywanyi w’umugambwe MSD yagandaguwe aciwe umutwe agatorwa ikiziga kiri ukwaco, umutwe wiwe nawo ugatorwa mu kazu ka surwumwe.
- Michel Nurweze batazira "Rwembe"
Abahurikiye mu mashirahamwe yubahiriza agateka ka zina muntu ariyo APRODH, BNUB, LIGUE ITEKA, na CNIDH bari bagiye gukurikirana urwo rubanza basaba ko umutekano w’ayo masura abiri y’abaporisi yagiriza Michel Nurweze "Rwembe" wokwubahirizwa kugira mu ntahe ikurikira bazoshobore kwitaba.
Urwo rubanza rw’uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega, Michel Nurweze batazira "Rwembe" rwaciye rwungururizwa ku genekerezo rya 26 Ruheshi 2014
Egide Nduwimana
Messages
14 Ruheshi 2015, 17:15, par Nzobonimpa Edson
None Yoba Yagunye Murayo Mabanga ? Canke Vyatevye Bigenda Gute?