Accueil > Amakuru > Rwanda > Urubanza rwa Pascal Simbikangwa mu Bufaransa
Urubanza rwa Pascal Simbikangwa mu Bufaransa
mercredi 3 Ndamukiza 2013
Pascal Simbikangwa yari umusirikare wo ku rwego rwa capitain igihe c’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994.
Ubutungane bw’ubufaransa bwari bwamufatiye mw’izinga rya Mayotte aregwa gukoresha impapuro z’inyiganano zimuranga mu 2008.
Ibi vyahuriranye n’uko Pascal Simbikangwa yari asanzwe yatangiwe ibirego mu Bufaransa, ku ruhara yoba yaragize mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda.
Yari asanzwe kandi ari ku rutonde rw’abaronderwa n’igipoilisi mpuzamakungu interpol.
Mu mwaka w’2010, Ubufaransa bwashizeho urwego rudasanzwe rwo kuburanisha imanza z’ ihonyabwoko zabaye mu Rwanda
Jean Michel Ndayikengurutse