Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urucanco rwa "Fièvre Jaune" ku binjira hamwe n’abasohoka mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Urucanco rwa "Fièvre Jaune" ku binjira hamwe n’abasohoka mu Burundi

Urucanco rwa "Fièvre Jaune" ku binjira hamwe n’abasohoka mu Burundi

mercredi 22 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bumenyesha abava canke baja mu bihugu bibanyi ko bategerezwa kubanza guhabwa urucanco rw’ingwara y’inyonko bita "Fièvre Jaune", ingwara yandukira kandi igoye kuvura, nk’uko bivugwa n’ubwo bushikiranganji, bakizeza abazorondera urwo rucanco bose ko bazoruronswa bitagoranye.

Muganga Thaddée NDIKUMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko iyo ngwara y’inyonko bita "Fièvre Jaune" yibonekeje muri iyi minsi mu bihugu vy’akarere Uburundi buherereyemwo, nko mu bihugu vya Congo, Tanzaniya, Ouganda hamwe na Angola.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ashikiriza ko haciye hafatwa ingingo y’uko abava canke abaja muri ivyo bihugu, baza canke bava mu Burundi, yaba abaca ku kibuga c’indege, ku bivuko canke ku mipaka Uburundi buhana n’ivyo bihugu, bategerezwa kubanza kwerekana ko bafise ikarata y’urucanco rw’iyo ngwara.

Muganga Thaddée NDIKUMANA yizeza abazorondera izo ncanco bose ko bazozironswa bitagoranye, akavuga ko zigeze kumera nk’izigabanutse mu bubiko, ariko ko ubu zirahari, abazishaka bose bazozironka.

Tubamenyeshe ko n’ishirahamwe VOLCANO, rimwe mu mashirahamwe yunguruza abantu bava hamwe n’abaja mu Burundi hakoreshejwe imiduga, ryamaze kumenyesha abaryitura ko atawurekuriwe gufata urugendo adafise iyo karata yerekana ko yahawe urucanco rw’iyo ngwara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.