Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Urudandazwa ndengambibe ntiruratera imbere mu Burundi
Urudandazwa ndengambibe ntiruratera imbere mu Burundi
mardi 24 Kigarama 2013
Ishirahamwe ry’abapfasoni bagira urudandazwa ndengambibe rimenyesha ko uyu mwaka uriko urarangira w’2013 batigeze batera imbere mu rudandazwa rwabo bivanye imvo ztandukanye.
Amakori y’umurengera ku bidandazwa, kuba abapfasoni bataratera imbere mu rudandazwa ndengambibe badashobora kuronswa ingurane n’amabanki, kutamenya amategeko y’urudandazwa ndengambibe n’ibindi, ivyo bikaba biri mu ntambamyi nkuru usanga kenshi bagenda barahura nazo.
Ariko rero naho izo ngorane zidasanzwe mw’iterambere ry’urudandazwa, abapfasoni bagira urudandazwa ndengambibe basabwa kumenya amategeko agenga ubudandaji, ivyo kugira bibakingire kwakwa ibidandazwa vyabo, mu gihe usanga hari abatari bake bikika mu kiza, bimwe mu bidandazwa bakavyambarirako, bagashaka kuvyinjiza mu buryo butazwi n’amategeko, bakibagira ko amatagisi y’abanyagihugu ari mu bituma Uburunddi n’abo badandaza nyene batera imbere, eka kandi igihugu kikaba gisigaye gifise ubuhinga butandukanye bwo gufata ikidandazwa cose cinjiye muri magendu.
Aristide Nizigire
Messages
26 Kigarama 2013, 12:07, par kiriku
None abo bambarira kubidandazwa kugira bavyinjize mu mpisho babikora mu kutamenya?!! Urwo ni urwitwazo. Ubabizi barazi ko nka barya babikoze igihe kirekire nk’ i myaka irenga 10 kandi ababikora kubera inyingu bibazanira nibarota babireka. Kandi umuntu nkuwo ntiwovuga ko ari ukutamenya amategeko ahubwo ni ingeso. Akarorero ni uwotohoza ko barya bagore b’ ibitenge ko babihevye!.