Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruganda rwo kwiga amategeko azogenga ubuhinyanyuzi bw’amareresi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Uruganda rwo kwiga amategeko azogenga ubuhinyanyuzi bw’amareresi

Uruganda rwo kwiga amategeko azogenga ubuhinyanyuzi bw’amareresi

mercredi 22 Rusama 2013

Urwo ruganda rwatanguye igenekerezo rya 20 Rusama gushika uno munsi igenekerezo rya 22 Rusama 2013 rukaba ruriko rubera muri King’s confrence centre.

Muri urwo ruganda bariko bahanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ugukora, ukwerekana ndetse n’uguhingura amareresi narirya tugiye kwinjira muri politike ya Leta yo kwerekana imboneshakure n’ukwumviriza insamirizi biciye ku buhinga bwa none.
Kuri uyu wa gatatu rero bari baramutse basozera urwo ruganda bumviriza ivyiyumviro vy’aba na bariya inyuma y’ibikorwa vyo mu mirwi mu ntumbero yo kwiga neza ingingo zigize iryo tegeko.

Umurwi umwe umwe wese waja imbere ugashikiriza ivyo washoboye gushikako, ivyo waneguye mu ngingo zimwe zimwe, bagasaba ivyohinyanyurwa.

Aho rero bamwe ntibavyumva kumwe n’abandi kuko wasanga hari ivyo badahurizako. Nko ku bijanye n’ubwigenge bw’ugukora canke guhingura ireresi, hari abavuga ko uwuhingura canke akora ireresi abwirizwa kuba afise uruhusha yahawe n’Urwego rw’igihugu rugenzura itangazamakuru, hakaba n’abandi batabibona uko.

Umuyobozi mukuru w’imico kama n’ubuhinga, umushingantahe Jean-Marie Vianney Bizindavyi siko abibona yavuze ati : "Ubwa mbere kwiyumvira igikorwa nk’ico biva mu bwenge bwa naka ashaka kugikora none gute yorinda gusaba uruhusha? Ku bwiwe ngo ni igihushane.

Umuyobozi mukuru w’imicokama n’ubuhinga umushingantahe Jean-Marie Vianney Bizindavyi

Abashoboye kumwishura nabo bati :"Ni ngombwa mu ntumbero yo gukingira abo bantu bazoba bari mu bikorwa nk’ivyo kubera nk’akarorero umuntu azoba ariko arakora amasanamu y’ireresi yiwe ashobora kuja kuyakorera ahantu agahura n’abapolisi ugusanga baramuhagaritse ariko niyaba afise uruhusha yahawe n’urwego rw’igihugu rugenzura itangazamakuru, nta muntu n’umwe azomuhagarika.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.