Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa Gerevasi Rufyikiri muri kaminuza zibiri zigenga z’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urugendo rwa Gerevasi Rufyikiri muri kaminuza zibiri zigenga z’i (...)

Urugendo rwa Gerevasi Rufyikiri muri kaminuza zibiri zigenga z’i Bujumbura

lundi 2 Kigarama 2013

Amashure ya kaminuza yo mu Burundi akwiye gushira imbere cane inyigisho zo gutunganya imigambi (entreprenariat) hamwe n’izo gukundisha igihugu abo bayoboye. Ivyo vyavuzwe na Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, aho yariko agendera ama kaminuza abiri y’abigenga yo mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 42.6 ko
Gerevasi Rufyikiri, kuri kaminuza yitiriwe Umuco y’i Bujubura

Ku muhingamo wo kuri uno wa mbere , igenekerezo rya 2 Kigarama, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yagendeye kaminuza zibiri z’abigenga zose ziri mu gisagara ca Bujumbura. Izo kaminuza akaba ari : Kaminuza yitiriwe “Umuco” y’i Bujumbura (Université Lumière de Bujumbura) hamwe na Kaminuza yitiriwe “ubwitonzi bw’Afrika” (Université Sagesse d’Afrique). Urwo rugendo rukaba rwari mu ntumbero yo kuganira ku gikorwa co kurerera Uburundi ayo ma kaminuza ariko arakora hamwe no kwirabira ingorane izo kaminuza zifise.

Abasanzwe barongoye Kaminuza yitiriwe Umuco biganiye Gerevasi Rufyikiri ibitari bike bimaze kurangurwa n’iryo shure. Mbere mu vyo bashize imbere harimwo gutanga inyigisho z’akanovera hamwe no kwigisha abo bareze gutunganya imigambi. Ariko naho muri rusangi ibikorwa bigenda neza, utugorane two ntitubuze nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi w’ ishure kaminuza yitiriwe ’Umuco, Dr Gerard Nkurunziza. Aha uyo muyobozi akaba yavuze ingorane y’ububiko budakwiye, ingorane y’umuhora ngurukanabumenyi unyaruka (connection à haut débit) utaraboneka. Gerarudo akagira ko iyo kaminuza yarifise imigambi yo gutunganya ivyirwa bitangirwa kure bita “Cours à distance”. Iyindi ngorane yashikirijwe n’uyo muyobozi akaba ari iyuko abigisha bafise impamyabushobozi ya Doctorat bakiri bake mu Burundi.

JPEG - 35.5 ko
Gerevasi Rufyikiri, kuri kaminuza yitiriwe Ubwitonzi bw’Afrika

Kuri Kaminuza yitiriwe Ubwitonzi isanzwe mbere ari kaminuza ya mbere yatanguye gukorera mu nyubakwa zayo hano mu Burundi, ifise abanyeshure 1613, inyabwonko 130. Iherutse kubaka ikigo (campus) izokwakira abanyeshure 5000, nk’uko bimenyeshwa na Maître Renovat Basabakwinshi, umuyobozi w’iyo kaminuza. Kuri iyo kaminuza mu ngorane bashikirije harimwo nabo nyene iyo ububiko hamwe n’ingorane y’abigisha babinonosoye bafise impamyabushobozi ya “doctorat”.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yashimiye cane ayo ma kaminuza yigenga ku twigoro bakora two gufasha Reta mu gushira imitahe yabo mu gisata c’indero gutyo bagasohora urwaruka rwabinonosoye rufasha narwo mw’iterambere ry’igihugu. Yaboneyeho akaryo ko kubasaba kwijukira gutanga inyigisho zishimikira kugutunganya imigambi Avuga ati :’’birakwiye ko mwigisha abo mureze gutunganya imigambi kuko nyene gukora umugambi aca atanga n’akazi ku bandi benshi”. Ikindi kandi yabasavye ni gushira imbere inyigisho zifise akanovera hamwe no kwiyumvira gukorera mu bindi bisata.

Gerevasi Rufyikiri yarangije asaba kandi ayo ma kaminuza gukurikirana abanyeshure baba basohoye barabe ko abakoresha bashimishwa n’ibikorwa bariko bararangura. Yabasavye kandi ko batotanga inyigisho gusa ahubwo botanga n’indero, bagakundisha igihugu abo bayoboye.

JPEG - 40.1 ko
Gerevasi Rufyikiri, kuri kaminuza yitiriwe Ubwitonzi bw’Afrika

Ku ruhande rw’ayo makaminuza yagendewe , barashima ingingo ya Reta yo kworohereza amakaminuza mu kugabanya amakori ku bikoresho baba bakuye hanze. Ku ruhande rwa Kaminuza yitiriwe Ubwitonzi bw’Afrika, umuyobozi wayo yasavye ko n’abanyeshuri batakoze ikibazo ca Reta (Exetat) boronswa nabo amahirwe yo kuja muri za kaminuza. Yongeye arasaba ko hoba icitwa “harmonisation des curricula” kuko kanatsinda, amashuri yigisha bimwe.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.