Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa mbere rwa Francois Hollande muri Maroc - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Urugendo rwa mbere rwa Francois Hollande muri Maroc

Urugendo rwa mbere rwa Francois Hollande muri Maroc

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wa gatatu igenekerzo rya 3 Ndamukiza 2013,Francois Hollande,umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, ahava agendera igihugu ca Maroc, aho azoba agiye kubonana n’umwami Mohammed VI,umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu imbere yuko avugana n’abashingamateka b’ico gihugu.

Ivyo bihugu uko ari bibiri Ubufaransa na Maroc bishira imbere imigenderanire. N’ikimenyamenya,umwami Mohammed VI yari yabaye umukuru w’igihugu wa mbere yakiriwe na Francois Hollande igihe yaramaze indwi imwe gusa ashikiriye ubutegetsi bwo kurongora igihugu c’Ubufaransa igenekerezo rya 24 Rusama 2012.

Francois Hollande ararindiriwe rero kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2013 mu nama nshingamateka y’igihugu ca Maroc aho azovuga ibijanye na politike n’imigenderanire mpuza makungu mu bihugu vy’abarabu vyo muri Afrika, nka Syrie n’ibindi, no kuraba umugambi w’amahoro aho ugeze muri ivyo bihugu vy’abarabu no muri Mali.

Igihugu ca Maroc kikaba gishigikiye congera kinashimira abasirikare b’ubufaransa mukungene bafashije Mohammed VI mu nama y’umuryango waba islamu yabereye Imisiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2013.

Murugendo rwiwe, Hollande ntiyibagiye n’ibijanye n’ubutunzi.Bikagaragara yuko hari imigenederanire ishitse hagati ya Maroc n’Ubufaransa, aho mbere amahinguriro agera 750 y’abafaransa yashinzwe muri Maroc,hakaba bakoreshwa abakozi bashika 100 000.

Uwo mukuru w’igihugu c’ubufaransa akazoba aherekejwe n’abashikiranganji batari bake,n’abatwara amahinguriro bagera ku mirongo itandatu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.