Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa Rebeka Grynspan mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Urugendo rwa Rebeka Grynspan mu Burundi

Urugendo rwa Rebeka Grynspan mu Burundi

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2013, Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba n’umuyobozi ashinzwe igisata mpuzamakungu c’iterambere PNUD Rebeka Crynspan yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza imbere yo kubonana n’icegera ciwe ca kabiri Gerevazi Rufyikiri.

Muri uyo mubonano w’umukuru w’igihugu c’Uburundi na Rebeca Grynspan, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Wili Nyamitwe yamenyesheje ko abo bategetsi bavuganye ku bijanye n’iterambere rirama,kandi ko uwo mushitsi yemeye ko ishirahamwe aserukira PNUD rigiye kwitaho gufasha Uburundi mu matora azoba mu mwaka w’2015.

Wili Nyamitwe arongera akibutsa ko uwo mutegetsi yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Costa Rica kuva mu mwaka w’1994 gushika mu 1998 imbere y’uko yizerwa n’umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon muri Ruhuhuma 2010 mu mabanga arimwo. Aravuga kandi ko Rebeka yafashije cane mu mugambi wo kurwanya ubukene mu gihugu ciwe Costa Rica.

Kuri uyu munsi wa kane nyene, umutegetsi Rebeka Grynspan yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri. Inyuma y’ uwo mubonano icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko uwo mutegetsi yashimye intambwe Uburundi bugezeko mu bijanye n’intwaro ibereye hamwe no kurwanya igiturire, kandi ko yemeye ko igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu c’iterambere PNUD kizofasha Uburundi mu migambi y’iterambere.


Bazikamwe Reverien

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.