Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa SAT B muri Afrika y’epfo rwasibijwe n’uko umukenyezi wiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Urugendo rwa SAT B muri Afrika y’epfo rwasibijwe n’uko umukenyezi wiwe (...)

Urugendo rwa SAT B muri Afrika y’epfo rwasibijwe n’uko umukenyezi wiwe yibarutse

jeudi 6 Ntwarante 2014

Igihe SAT B yariko yitegurira urugendo rwo mu gihugu ca Afrika y’epfo ku butumire bw’umuhinyanyuzi Abdul aba muri ico gihugu, umukenyezi wiwe yaciye yibaruka, maze aca asiba urugendo. Naho yasivye urwo rugendo ntiyicaye kuko yaciye asohora ururirimbo rushasha.

SAT B yari gufata urugendo kw’igenekerezo rya 29 Ruhuhuma, aja mu gihugu ca Afrika y’epfo aho yari kwitaba ubutumire bw’umuhinyanyuzi Abdul, ariko urwo rugendo ntiyabaye akirufata. Icarusibije si ikintu kibi. Hasigaye iminsi ine gusa, ni kuvuga kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma, Nelly Ortence Inabeza yibarutse Burundi Leila imfura ya Sat-B maze ahitamwo kuguma hafi y’umuvyeyi.
Naho biri uko, Sat-B atumenyesha ko urugendo rutasivye. Arindiriye umuvyeyi aronke inguvu hanyuma azoheza afata urwo rugendo. Sat-B ati:"Nta kirapfa, urugendo nzorufata."

Kuba urugendo rwarasivye kubera umukenyezi wiwe yibarutse, ntivyabujije ko aguma akora umuziki. Nta minsi 2 irahera ururirimbo "Simba Hawana meno" rusohotse. Ariko arategura kandi igiteramo ataratubwira neza uko giteguye.

Fyonda aha munsi wumvirize ururirimbo " Simba Hawana Meno "


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.