IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urugo rw’umushikiranganji Sabina Ntakarutimana rwatewe n’abitwaje (...)

Urugo rw’umushikiranganji Sabina Ntakarutimana rwatewe n’abitwaje ibirwanisho

jeudi 18 Kigarama 2014

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Sabina Ntakarutimana yaratewe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa wa gatatu. Nta muntu n’umwe yahasize ubuzima, kiretse imiduga yamenetse ibiyo.

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, urugo ruri mu Gasekebuye, rwa Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, rwaratewe n’abantu bitwaje ibirwanisho. abo bantu bateye amagerenade abiri, baca bakurikiza amasasu menshi. Muri ico gitero, ibiyo vy’imiduga yari muri urwo rugo vyanenaguritse, abaporisi bacunga uwo mushikiranganji nabo bakaba baciye basubiza abo bariko bararasa batumbereza ahari inzu abo bajejwe umutekano bararamwo.

Umushikiranganji Sabina Ntakarutimana avuga ko imbere y’uko ico gitero kiba, hari haheze nk’indwi zibiri hatowe ku rugo iwe n’aho asanzwe akorera, inzandiko zidateweko umukono, naho uwo mushikiranganji atashimye kuvuga ivyari vyanditse kuri izo mpapuro.

Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko ashobora kuba yatewe n’abantu badashima ibikorwa vyiwe, ariko akamenyesha ko atazocika intege mu mabanga yashinzwe. Sabina Ntakarutimana agasaba ko hokorwa amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Barazwi abakora ivyo abobateye urugo rwuyu mushikiranganji nikimwe nabateye kumuvyeyi wa Bunyoni kandimumisi mike barafatwa kandibazocabavuga ababatuma ikizobatangaza bazobihakana bigireko bacebacuga yamvugo iharamwe yitwa irementanya!

  • Haaaaahiiiiihuui yaaa ewe burundi ??ubu asavye amatohoza ,ejo bundi munama shigamateka bamusaba abapfuye babuze amaraso yishuye,ko atakenewe??none kwariwe amatohoza???ha aaa urantwegeje kabisa .izo nkina mico turazizi mutaguye kwiteza amagrenade kugira murondere abo mufata ??kugira abantu bagire,ubwoba bwokuja mumababara !!!! ????;murabesha,turikumwe ntahomuja mukinda mugaramye mwubika inda (turamagurana))mubwenge apana ubugugu nkubwo mukoresha bwokwa kaburungu

  • bagomba kudukwegera,urya muvyeyi bamuronderako iki!nibaze ko ataco bisa bisana nibijanye n’agasabune abakorera mugisata camagara ya bantu baronka,ariko botohoza bakatubwira iryo terabwoba ico riganije

  • nn bamwankira ik? ko tumwikundir nitashw bat ntac bazomugir.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.