Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhara amadini afise mukugarukana amahoro n’umwumvikano mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruhara amadini afise mukugarukana amahoro n’umwumvikano mu gihugu

Uruhara amadini afise mukugarukana amahoro n’umwumvikano mu gihugu

mardi 25 Ntwarante 2014

Ibiro vy’umuhuza w’abarundi vyatunganije inama idasanzwe yahuje abaserukira amadini atandukanye yo karere ka Afrika kugira baganire ku ruhara rw’abahurikiye mu madini, mu nzego zitandukanye, mu ntumbero yo gufasha kugarukana amahoro n’umwumvikano mu karere ka Afrika.

Iyo nama idasanzwe yahuje abahurikiye mu madini atandukanye yatangujwe kuri uno munsi wa kabiri wa 25 Ntwarante yari yitwabwe n’abanyecubahiro batandukanye harimwo umukuru w’igihugu c’Uburundi, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Al Hadj Ali Hassan Mwinyi, abaserukizi b’ibihugu vyabo mu Burundi, umuhuza w’abarundi, abaserukiye amashirahamwe mpuzamakungu, abaserukiye amadini atandukanye, abashingamateka hamwe n’abandi banyecubahiro batandukanye.

Umuhuza w’abarundi Muhamed Rukara, mw’ijambo ryo kwakira abatumire bahire akaba yamenyesheje ko iyo nama yahuje amadini atandukanye, ibaye mu gihe gikenewe haba k’Uburundi no ku bindi bihugu vyo muri Afrika, na cane cane ibihugu vyegereje kugira amatora. Ati ni akaryo kadasanzwe kubarongoye amadini atandukanye, kubahuza no kuri abo bose bafise ico baterera mu kugarukana amahoro n’umwumvikano mu gihugu. Umuhuza akaba yahamagariye abitavye iyo nama bose kurushirizaho kwitanga, kuba akarorero aho babaye na cane cane mukurekuriranira, mu gusubiza hamwe, mu kurengera ibibabaza umutima hamwe no guharanira ibiganiro bishika ku mahoro.

JPEG - 1.1 Mo
Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara

Mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje ko amadini afise uruhara rudasanzwe mu gufasha kugarukana amahoro n’umwumvikano, na cane cane mu bihugu birimwo indyane. Yongeye ati, ibiganiro hagati y’abahurukiye mu madini atandukanye ni ikintu cankenerwa mu gufasha kugarukana umwumvikano ahari indyane hose.
Kubw’ivyo, abarongoye abandi mu madini basabwe kurushirizaho kwigisha abo barongoye inzira izana amahoro n’umwumvikano mu gihugu, kwerekana ko ata tandukaniro rihari hagati y’umuntu n’uwundi canke abo badasangiye amadini n’ukwemera.
Umuhuza nawe, akaba yasabwe kurushirizaho kwongereza inguvu mu kwumvikanisha abo bose bacanyemwo, na cane cane mu gushira ukuri imbere, gutyo umwumvikano ugatsimbatara.

JPEG - 1.1 Mo
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Mwomenya ko n’abandi mubarongoye amadini bagiye barashikiriza amajambo, bashira imbere urukundo, kurekuriranira hamwe no kwihanganiranira mu ntumbero yo gushika ku mahoro n’umwumvikano. Iyo nama yahuje amadini atandukanye yo mu karere ka Afrika ikaba igiye kumara iminsi itatu i Bujumbura.


Mariella Bukuru

Messages

  • Rukara wewe nta Dini ugira uri umupagani

  • jewe ndasaba anyamadini kobosengera uburundi

  • Ndabona muvugako yahuje amadini atandukanye yo mukarere ka africa ariko turavye amasanamu mutwereka umenga siko vyari biri. Mwari kuvugako yahuje amadini atandukanye y’aba islam kuko nibo mbona imbere. Raba iyi titre muyihindure canke amasanamu mwaduhaye.

  • Mbega uyu namba ariwe Umuhuza w’abarundi , mwebwe mubikwirikiranira hafi, ahuza bande? ko hari inryane hirya no hino mu gihugu, yoba ahuza nde na nde ?
    Ahubwo birateye isoni amakungu yumva ngo Uburundi burafise umuhuza, iyaba dufise umuhuza nta migambwe iba iriko iryana n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu! Abanyeshure ntibaba barabirukanye muri kaminuza! Eka izo ngorane zose ziri muri Reta ziba zitorerwa umuti hakiri kare!
    Naje ngaho arye amahera y’igihugu araramye arye ivyagusa, kuko CNDD iriko irariha ivyo yabahaye bakirir mw’ishamba. Mugabo nivyabindi bavuga ko ABAGABO BARYA IMBWA ZIKISHURA !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.