Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruhara rw’abunguruza abantu n’ibintu mw’iterambere ry’igisagara
Uruhara rw’abunguruza abantu n’ibintu mw’iterambere ry’igisagara
mardi 14 Rusama 2013
Abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bari bamaze imisi bidoga ko ibituro vyanshinzwe bitubahirizwa, abandi nabo bakavuga ko ata mutekano uba uri mu mabarabara iyo bugorovye, kuko na henshi usanga hari ikizima, ata matara yaka.
Ni muri iyo ntumbero umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi ari kumwe n’uwujejwe uruja n’uruza mu gisagara ca Bujumbura yakoranije kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Rusama 2013, abahurikiye mu mashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu, kugira barabire hamwe uburyo bwo kwubahiriza umutekano mu mabarabara n’uguteza imbere igisagara ca Bujumbura.
Muvyo yashikirije umukuru w’igisagara yasavye abari muri mwene ayo mashirahamwe gukora bumvikana, ari nayo nzira yo kwiteza imbere mu mashirahamwe yabo bagateza imbere n’igisagara ndetse n’igihugu muri rusangi.
Ariyamiriza abantu bamwe bamwe bumva habaye amatati mu mashirahamwe, bakagomba kubiha intumbero ya Politike. Aho yatanga akarorero ko mw’ishirahamwe Amotabu ry’abunguruza abantu ku mapikipiki.
Mu migambi y’iterambere, yamenyesheje ko bipfuza ko igisagara ca Bujumbura gushika mu mwaka w’ 2025 ko coba ari igisagara c’akarorero, giteye imbere, gitunze ndetse, gihurumbirwa.
Amenyesha ko muri uwo mugambi atawuzosigara inyuma. Asaba abakuru bayo mashirahamwe guhimiriza abo barongoye kwijukira ibikorwa vy’iterambere, akabahamagarira gutanguza imigambi y’iterambere, bakoranye n’igisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kugiteza imbere.
Yagarutse kandi ku bijanye n’ibituro, aho amenyesha ko bariko bagira urutonde rw’ibituro bisanzwe bizwi n’ibitazwi.
Ku kibazo c’isuku, avuga ko hari umugambi wo kwubaka utuzu twa sugumwe ku bituro vyose biri mu gisagara ca Bujumbura. Amenyesha kandi ko mu ndwi iza bazogirana inama n’abadandariza ku bituro bari kumwe n’ubushikiranganji bw’amgara y’abantu.
Yarangije asaba amashirahamwe yose afitaniye amasezerano na Mairie kuyakurikiza kuko bizogira ico bifashije muri urwo rugamba rw’isuku no kwubaka igisagara ca Bujumbura.
Kubw’umukuru w’igisagara, ivyo nivyashoboka bazoshobora kwicara biruhutse kuko bazoba bashikanye intumbero biyemeje.
Komiseri ajejwe uruja n’uruza mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijambo ryiwe nawe yagize ico avuze ku mutekano muke rimwe na rimwe uterwa n’abiyunguruza, haba mu miduga canke ku mapikipiki. Ariko naho biri uko, avuga ko abakoresha imiduga mu bugizi bwa nabi bagabanutse, ahubwo ubu kenshi bakoresha amapikipiki agatanga akarorero k’ibisuma vyari bije kwiba biri kw’ipikipiki muri komine Rohero, bariko barahunga ikirwanisho bari bafise co mu bwoko bwa Pistolet kirabakorokana, abajejwe umutekano baragitora.
Yagabishije abunguruza abantu ku mapikipiki gukurikiza amategeko, abasaba kwirinda kurenga imbibe baberetse, mu kwinjira mu gisagara canke kutubahiriza amasaha yo kurangiza akazi.
Prosper Ndayikeza