Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhara rw’ama banki mw’iterambere ry’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Uruhara rw’ama banki mw’iterambere ry’igihugu

Uruhara rw’ama banki mw’iterambere ry’igihugu

mardi 9 Ndamukiza 2013

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yaratanguje kuwa mbere igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2013, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ruhara rw’ama banki mw’iterambere ry’igihugu.

Urwo ruganda rwatunganijwe na banki nkuru y’igihugu, yifadikanije n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, rugahuza abaserukira ama banki atandukanye, n’abandi bikorera ivyabo.

Mw’ijambo ry’ikaze, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yasavye abitavye urwo ruganda kwiga uruhara rwabo mw’iterambere ry’igihugu. Kubw’uwo mutegetsi, abanyagihugu benshi bidogera ama banki ko abasaba inyungu z’umurengera iyo basavye ingurane, bigatuma imigambi y’iterambere baba bafise itarangurwa.

Yarangije asaba kwiga n’ikibazo c’ingorane abarwizatunga bahura nazo, na cane cane muri iyi misi ishirahamwe ry’abadandaza ryidogera banki nkuru y’igihugu kuba yakoze urutonde rw’abadandaza badashobora guhabwa ingurane n’ama banki.

JPEG - 56 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.