IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruhara rw’ibimenyeshamakuru mw’iyinjira ry’Uburundi mu karere k’Afrika (...)

Uruhara rw’ibimenyeshamakuru mw’iyinjira ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko

lundi 23 Nyakanga 2013

Ibimenyeshamakuru ni kimwe mu bituma abantu bamenya ibiriko birakorwa mu gihugu, mbere bikongera bikigisha. Ibimenyeshamukuru, umuhora watowe n’umuryango w’ibihugu biri mu karere k’Afrika y’ubuseruko kugira umenyekanishe ibikorwa vy’uwo muryango.

Mu gihe vyagaragaye ko abarundi batari bake bataramenya akamaro k’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko, ubushikiranganji bubijwe bwatungajije inama yo guhanahana ivyiyumviro, yateguriwe abayobozi b’ibinyamakuru ku bijanye n’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko.

Léontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama yamenyesheje ko kutamenya kw’abarundi ku bijanye n’akamaro k’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko ari kimwe mu ntambanyi nyamukuru zikiraje inshinga ubuskiranganji bujejwe iyinjizwa ry’Uburundi mu kerere k’Afrika y’ubuseruko.
Abarongoye ibimenyeshamakuru babaka baboneyeho akaryo ko kuvuga nabo ku bijanye n’uruhara rwabo mw’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, bongera baravuga bimwe muvyokorwa kugira abarundi ntibabandanye kuguma mu kutamenya, bamenye ahubwo akamaro kavyo.

Bimwe mu vyatangajwe vyokorwa, ni nko kwigisha ubwa mbere abamenyeshamakuru ku bijanye n’iryo yinjizwa kugira bazoce baja guhimuriza abanyagihugu. Ikindi naco, Leta y’Uburundi yari ikwiye gushigikira gusumba ibimenyeshamakuru, kuko bigera kure, no mu ntara zigoye kugeramwo mu kumenyekanisha ibiriko birakorwa mu gihugu.

Umushikiranganji Léontine Nzeyimana yasavye nawe ibimenyeshamakuru vyose kurushirizaho kuvuga akamaro k’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, guhimiriza abanyagihugu kwitaho ibikorwa vya EAC (East Africa Community) hamwe no kurushirizaho kugira urunani mu bikorwa vyo kumenyesha amakuru.

Yarangije amenyesha ko ubushikiranganji arongoye bwifadikanije n’abandi basanzwe bakorana n’ubwo bushikiranganji bagiye gukora ibikorwa bitari bike, haba mu bijanye n’inyandiko canke mu vyapa kugira barushirizeho kumenyekanisha akamaro k’iryo yinjizwa ry’Uburundi, ko hagiye kandi gukomezwa ubucuti hagati y’ubushikiranganji bujejwe iyinjizwa ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko n’ibimenyeshamakuru.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.