Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhara rw’umugabo mu kugwanya ikiza ca SIDA mu muryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Uruhara rw’umugabo mu kugwanya ikiza ca SIDA mu muryango

Uruhara rw’umugabo mu kugwanya ikiza ca SIDA mu muryango

mardi 18 Munyonyo 2014

Umugabo akwiye kugira uruhara ruboneka mu kugwanya ikiza ca SIDA kugira umuvyeyi ntiyanduze umwana yibungenze, kuko umwana s’uwumwe, umwana ni uw’umuryango.

Ivyo vyavugiwe mw’ihuriro umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, Denise Bucumi yari yatunganije ku baserukira abanyagihugu, aribo bashingamateka, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 Munyonyo 2014, mu kigo King’s Conference.

Abagiye barafata amajambo, bose bagarutse ku ruhara rw’umugabo mu kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA kugira umuvyeyi ashobore gukingira umwana ari mumbanyi.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwaserukiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura muri iryo huriro umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, Denise Bucumi yari yatunganije ku baserukira abanyagihugu, aribo bashingamateka, ukugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA si igikogwa c’umukenyezi gusa, agatanga akarorero aho mu bigo bitandukanye vyigisha ibijanye no kugwanya ikiza ca SIDA, hama hibonekeza abagore gusa kandi n’umugabo ashobora kuba afise uruhara mu kugira bikingira mu muryango bongere bakingire n’abana bibarutse.

Yaba uwurongoye igisata co kugwanya SIDA mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU SIDA (Directeur pays de l’ONUSIDA), yaba umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhanyanganda SIDA, bose barashima itunganwa ry’urwo ruganda ku bashingamateka, kugira barabire hamwe ikibanza c’umugabo mu rugo mu bijanye no kugwanya ikiza ca SIDA no gukinga ko umuvyeyi atanduza umwana ari mumbanyi.
"Umugabo ni inkingi y’urugo ategerezwa gufasha mu kugwanya ico kiza, ari kumwe n’umugore, bose bijukire kuja gusuzumisha amagara yabo."

Mw’ijambo ryiwe, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Bucumi akaba yateye akamo abagabo bose ko bakwitaho amagara y’imiryango yabo, bakamenya ko bafise uruhara runini mu kugwanya ikiza ca SIDA no gukinga ko umuvyeyi yanduza umwana.

Mwomenya ko abari bitavye urwo ruganda barabiye hamwe aho intambwe igeze mu kugwanya ikiza ca SIDA, kugira umuvyeyi ntiyanduze umwana yibungenze, n’ikibanza c’abagabo mu guhimiriza abo baserukira abanyagihugu kugira bamenye ko umugabo ariyo nkingi y’urugo, ko akwiye gufasha cane mu gukingira umuryango wiwe ikiza ca SIDA.

Photo: Presidence


Alida Sabiteka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.