Accueil > Poritike > Imigambwe > Uruhara rw’urwaruka muri poritike y’Uburundi ruracari ruto
Uruhara rw’urwaruka muri poritike y’Uburundi ruracari ruto
mardi 29 Mukakaro 2014
Urwaruka rw’Uburundi ntiruhabwa ikibanza gikwiye muri poritike kandi arirwo rwama rukoreshwa mu myiyamamazo y’imigambwe mu matora. N’aho Uburundi bwateye umukono ku masezerano mpuzamakungu ajanye n’iserukirwa ry’urwaruka mu nzego z’igihugu, uruhara rwabo ruracari ruto cane.
Gerturde KAZOVIYO, umuhinga yakoze icirwa abisabwe n’ishirahamwe FOCODE, ku bijanye n’iserukirwa ry’urwaruka muri poritike y’Uburundi, amenyesha ko uruhara rw’urwaruka mu ngingo zifatwa, n’iserukirwa ryarwo ari ruto cane, mu gihe amasezerano mpuzamakungu hamwe n’ibwirizwa shingiro bitegekanya ko urwaruka ruhabwa abaruserukira mu nzego zifata ingingo. Umuhinga Gerturde KAZOVIYO akamenyesha ko bimeze ukwo mu Burundi, mu gihe mu bindi bihugu nko mu Rwanda bategekanya babiri mu rwaruka baserukira abandi mu nama nshingamateka, batanu mu gihugu ca Ouganda, hamwe na 12 mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Kenya baserukira abandi.
- Gerturde KAZOVIYO, umuhinga yakoze icirwa abisabwe n’ishirahamwe FOCODE
Kuva Uburundi bwikukira, uko intwaro zigenda zirabisikanya, urwaruka rwama rushikiriza ko rwakoreshejwe, ariko ntibarwibuke mu nzego zifata ingingo. Ku ntwaro zose bikabandanya bigenda ukwo nyene ntihagire igihinduka. Umuhinga Gerturde KAZOVIYO asigura ko biva ku bukene, ukubura akazi, n’ukutabona kure, akaba arivyo bituma urwo rwaruka rudashobora kwiganzura, ntirwihanganire ivyo baruhendesha, rukemera gukoreshwa rutabanje gusaba ko rwoshirwa ku ntonde.
Gahungu Patrice arongoye urwaruka rwo mu mugambwe UPD Zigamibanga aremera ko urwaruka rudahabwa ikibanza rukwiye, akamenyesha ko bagiye gusaba abatwara imigambwe ko batoguma babafata nk’ibikoresho, batahure ko nabo boshirwa muri poritike, ari navyo bizobashoboza gushikira guserukirwa mu nzego zifata ingingo mu gihugu.
- Gahungu Patrice arongoye urwaruka rwo mu mugambwe UPD Zigamibanga
Egide Nduwimana
Messages
29 Mukakaro 2014, 21:51, par Ap Nt
Ivyo ninde yabibatumye iyo nimitwe
30 Mukakaro 2014, 08:48, par SIHONDI Levis
UYO MUYIFEBE ARATANGAJE, ARIKO KA KAZOVIYO WABONYE NEZA KO TWESE ABARUNDI TURI ABANTU BATAZI IVYO MUKORA???????????????? NGO WAKOZE IVYIGWA NGO UBITUMWE NA FOCODE, NGWEMAMA WAKOZE IVYIGWA UBITUMWE NA FORSC, NGWEMAMA WAKOZE IVYIGWA NGUBITUMWE NA PARCEM, NGWEMAMA URIKO UKORA IVYIGWA NGO UBITUMWE NA OAG HAHAHAHAHAHAHAHAHAHAAA KAZOVIYO NIMBA ATARIBANGA NONE IVYOVYIGWA UBIKORA KUBUNTU ???????????????????? KO NTARABONA APPEL D’OFFRE IRONDERA ABAHINGA BAHIGANWA BOZA GUKORA IVYOBINTU???????????????? NIMBA NAHO BABAHA AMAHERA, NTIWUMVA KO MUYAHEREREKANYA KUMWE MUHEREREKANYA AYO MASHIRAHAMWE MUKUYARONGORA???????????? EJO WARI MURI OAG, UBU URI MURI LIGUE ITEKA, HIRYAYEJO UZOBA URI MURI FOCODE, MUKWEZI KUZA UZOBE UGEZE MURI FORSC!!!!!!! YAYAYAYAYAYAYAYA IVYOBINTU MUHISHA BIZOMENYEKANA UMUSI ATARI UWAKURE CANE!!!!!!!!!!
30 Mukakaro 2014, 16:59, par Peterson
Merce, Thank you, Mr. Sihondi Levis.
30 Mukakaro 2014, 22:15, par Nwari
@Sihondi ntukabeho wamburabugirire.nimba urumuhiga gusumba uwomufasoni uragenda ubabwire ingene bigenda ??imiryango iruguruye??bitwa societ civile??wewe sizi ahuri???nayo kuvuga ko buca bibatekurukana hanyuma mwebwe bizoguma bitekeye haaaaahuuuu kuba ikimuga mumutwe niyogwara yambere ibaho DD