Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino hagati y’Uburundi na Sénégal ruzobera i Bujumbura : Abakinyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urukino hagati y’Uburundi na Sénégal ruzobera i Bujumbura : Abakinyi (...)

Urukino hagati y’Uburundi na Sénégal ruzobera i Bujumbura : Abakinyi batumweko

mercredi 18 Rusama 2016, par egide

Ihuriro ry’amashirahamwe y’umupira w’amaguru muri Afrika ryemeye ivyari vyasabwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal, aho ryaheruka kwandikira risaba ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rwobera i Bujumbura.

Ivyo bibaye mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryaheruka kumenyesha ko urwo rukino ruzobera mu Rumonge.
Abajejwe inkino muri Sénégal baciye basaba ko urwo rukino rwobera i Bujumbura, ahari ikibuga gikwije ivyangombwa mpuzamakungu.

Augustin Senghor, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal yari yavuze ko abahinga babo bagenzuye ico kibuga co mu Rumonge, bakaba basanze amabarabara ashika aho mu Rumonge ari mabi, ivyo bikazoruhisha abakinyi ba Sénégal bazova i Bujumbura baja mu Rumonge, akavuga kandi ko batazoronka amahoteri bazoshikiramwo akwije ibisabwa mu rwego rw’ukwakira abakinyi mpuzamakungu. Augustin Senghor yari yavuze kandi ko n’umutekano wo hagati mu gihugu batawizeye.

Urwo rukino ruzobera i Bujumbura kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016.

Abakinyi b’Uburundi (INTAMBA MU RUGAMBA) batumweko bose hamwe ni 35, umumenyereza bafise akaba ari Niyungeko Alain Olivier batazira Mutombola. Niyonkuru Vladmir nawe azomenyereza abanyezamu. Abo bakinyi bose uko ari 35 batumweko gutangura imyimenyerezo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Rusama 2016.

Abanyezamu

Arakaza Mc Arthur / Vital’o FC
Nzokira Jeff / Asas Djibouti Télécom - Djibouti
Rugumandiye Yvan / Muzinga FC

Abakinyi b’inyuma

Nsabiyumva Frédéric / Jomo Cosmos - South africa
Nshimirimana David / Vital’o FC
Ngando Omar / Muzinga FC
Hakizimana Issa / Vital’o FC
Kiza Fataki / Vital’o FC
Harerimana Rashid Léon / LLB s4a
Nizigiyimana Karim / Gor Mahia - Kenya
Rugonumugabo Stéphane / Vital’o FC
Nduwarugira Christophe / Chibuto - Mozambique

Abakinyi bo hagati

Papy Faty / Bidvest University - South Africa
Kwizera Pierre / Rayon sports
Ndayisenga Fwady
Barenge Pistis / Vital’o FC
Nahimana Shasiri / Vital’o FC
Ndikumana Yussuf Lule / LLB s4a
Moustapha Francis/ Muzinga Fc
Harerimana Hapfizi Moussa / DCMP - Kinshassa
Akimana Trésor / Vital’o FC
Mvuyekure Emmanuel
Duhayindavyi Gael / Vital’o FC

Abasatirizi

Ndikumana Yamin Selemani
Fiston Abdoul Razzak / Celtic Bloemfontein - South africa
Ndayisenga Kevin Dambo / Buja city
Hussein Shabani Tchabalala / Vital’o FC
Laudit Mavugo / Vital’o FC
Moussa Mossi / Vital’o FC
André Tokoto / Athletico Olympic
Juhainy Uthuman Cheikh / Chibuto-Mozambique
Cedric Amissi / Chibuto - Mozambique
Nshimirimana Abbas / Chibuto - Mozambique
Ndarusanze Jean Claude / LLB s4a
Tambwe Amissi / Yanga Africans - Tanzanie


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.