Accueil > Inkino > Urukino rwa Judo mu Burundi rurafise ingorane
Urukino rwa Judo mu Burundi rurafise ingorane
vendredi 1er Munyonyo 2013
Ku munsi w’Imana uheze igenekererezo rya 27 Gitugutu 2013, niho haba amahiganwa agira 7 y’urukino rwa Judo mu Burundi. Iryo higanwa kwari guhuuza imirwi 15 itandukanye yo mu gihugu, ariko Entente Judo club, n’umurwi Ingabo ntiyitavye iryo higanwa. Ingabo usigura ko wasivye kubera imyiteguro itari ihagije. Iryo higanwa ryahuje abahungu bari hagati y’ibiro biri munsi ya 60kg n’abarenza ibiro 100kg, n’abigeme bafise hagati y’ibiro biri munsi 48kg no hejuru 78kg.
Ihiganwa rigiye kurangira, niho hatangura ingorane zahavuye zivamwo gushamirana hagati y’abakinyi n’abahagarikizi. Urukino rwanyuma rwahuje umurwi Tori wo mw’ishure ry’abafaransa”Ecole Francaise”n’umurwi Muzinga. Abahiganwa yari Bigirimana Hassan wo muri Tori na Heppaphrodite wo muri Muzinga. Umwanya wagenewe urukino waraheze atawuratsinda uwundi baca babongera umwanya bita “Golden Score” aho uwutanze uwundi kuronka inota aca atsinda.

Amakuru twakuye muri bamwe baraho kandi basanzwe bakina Judo, bavuga ko umuhagarikizi yavugije ikosa ry’umukinyi wa Muzinga ritariryo akoresheje amategeko ya kera, bitera amahane hagati y’abakinyi eka no hagati mu bamenyereza biyo mirwi. Ayo makuru abandanya amenyesha ko umuhagarikizi w’urukino ari nawe amenyereza umurwi wa Tori yaciye avuza ko urukino rurangiye ku ntsinzi ya Hassan kuri Heppaphrodite.
Irankunda Nehemi, umukuru w’urwego rw’abahagarikizi avugako uwo yatsinzwe yaciye atwagwa n’ishavu aramukubita, ko iryo ari ikosa rikomeye cane mu rukino rwa Judo, ari naho yamaze kwitura abarongoye urwo rukino maze ahanwe hakwirikijwe amategeko. Bimaze kuba uko, umurwi wa Muzinga waciye ureka gutora imidari wari watsindiye.
Turangize tubamenyesha ku murwi nserukira gihugu wa judo uzotangura kuri uyu wa gatandatu imyimenyerezo, bazoba bariko bitegurira amahiganwa yo muri Zone ya 5 azoba muri Ntwarante umwaka w’2014.

Chérif Nkeshimana
Messages
3 Munyonyo 2013, 01:45, par Yabesi
Ivyo bintu birababaje. None hagati ya happy na hasan nind akwiye guhanwa? Hagati ya happy n’ umuhagarikizi nind akwiye guhanwa? Mbega Nehemi arafise icemeza ko yakubiswe? Cnk n’ ukugrango ubwo busuma buherere hyo?