Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo nyakuri rumeze gute - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo nyakuri rumeze gute

Urukundo nyakuri rumeze gute

mardi 8 Nzero 2013

Urukundo nyakuri n’ubugenzi bukomeye buba hagati yumukobwa n’umuhungu canke hagati y’umugabo n’umugore . Muri urwo rukundo hakabamwo ivyo abo bantu babiri bemeranya bo nyene hagati yabo.

Urukundo nirumwe mu ngabire nziza gose twahawe n’Imana.Iyo ngabire iramurikira ubuzima bwacu bwose,ihindura vyose ni nk’izuba ritanga ubushuhe , rigatanga ibara ry’ikintu,umunezero ,urukundo rutuma kandi n’ibindi vyose umuntu akora bigenda neza.

Ariko rero urukundo ntirwama rworoshe ,ruryoshe nk’uko benshi bavyibaza .Oya sivyo na gato kuko urukundo ntiruherera mu bishobisho gusa canke mu kubona uwo ukunda umutima ugatera indihaguzi,ntanubwo ruherera mu kubona umukunzi wawe ukamwipfuza mu boryo bw’umubiri.

Ahubwo rusaba ukwihebera uwundi n’ukumwigorera muri vyinshi , kandi vyongeye rurababaza kuko vyose bitama vyera,rusaba rero inguvu nyinshi n’ukwihangana kudasanzwe.

Urukundo nyakuri rubwirizwa gusukiranya ugutora hagati y’ibintu vyinshi n’ukwisunga akamaro k’ikintu mu gutora.Urukundo nyarwo kandi rugutegeka kugira indero runtu no gukora ibikorwa witumye wewe nyene ubikorera uwo ukunda.Abarangwa n’urukundo nyakuri bagira umutima wo kubona umukunzi wiwe atera imbere ,umwe wese akitanga ku ruhande rwiwe mu vyo ashobora kugira abone ko yagize ico aterera mu guteza imbere uwo bakundanye.

Iyo uri mu rukundo vyose birahinduka ni nk’uko uba utanguye ubuzima bushasha kuko n’imyifato irahinduka mu gihe uri kumwe n’umukunzi wawe ndetse n’iyo mutari kumwe kuko ba ndimurukundo bamana umunezero umwanya wose.

Kenshi usanga umuntu amara umwanya yiyumvira umukunzi wiwe yiyumvira urukundo amukunda,utujambo twiza bavuganye,umwanya mwiza bamaranye.Ivyo vyose biguma bimugarokamwo ku buryo naho yogira ikintu kimubabaza amaze kwibuka ko akunzwe canke akabona umukunzi wiwe umubabaro uragabanuka.

Umunezero wukwiyunva ko uri umusore watowe mu bandi basore bose canke umwigeme yatowe mu bandi bose ugakundwa biratanga amahoro n ‘umunezero bidasanzwe bikanatuma n’umuntu yamana ivyishimo.

Mukundanye kandi mugira indoto zimwe,nko kwubaka inzu , kugira ubugeni,abana muzovyara,ingene bazobaho,n’ibindi bitari bike.Bavuga yuko urukundo ari ibishobisho,nigishika kidasanzwe,ico gishika rero kikavamwo inguvu n’ubushobozi ariko kandi n’intege nke imbere y’uwo ukunda .Guhana umwanya wo kubonana rero birakenewe cane mu rukundo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.