Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo rushoboye vyinshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo rushoboye vyinshi

Urukundo rushoboye vyinshi

mardi 31 Kigarama 2013

Hari abivugira ko urukundo rutagira amaso canke amatwi, ko rutabuza umuto gukunda umukuru, eka n’umukuru agakunda muto, ntirubuza umutunzi gukunda umukene. Uyu mugabo rwaraye rumukuje mw’ibohero.

Sentare gasamburamanza yo mu gihugu c’Ubutaliano yaheruka gukatira umunyororo w’imyaka itanu umugabo yitwa Pietro Lamberti. Uwo mugabo yagirizwa kuba yashurashuye n’agakobwa k’imyaka 11. Mu rubanza rwiyo sentare na Pietro Lamberti rwo kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu 2013, sentare yarafuse co gihano.

Icatumye ico gihano gifutwa ni uko abari bagize iyo sentare batahurije ku caha uwo mugabo yagirizwa, kuko Pietro Lamberti w’imyaka 60, kuba yakundanye n’agakobwa k’imyaka 11, bamwe mu bacamanza basanze atari icaha kuko n’uwo mukobwa yaramukunda kandi uwo mwana ntiyitwaye.

Ikinyamakuru « Il Quotidiano della Calabria »co mu Butaliyano catanze ayo makuru, kimenyeshako uwo mwana yava mu muryango ata mikoro ufise, maze baca baha Pietro Lamberti abatungire umwana. Uwo nawe ntiyamutunze mu kumugaburira indya gusa, ahubwo yamugize umugore. Umunsi umwe rero barumvirije ivyo bavugana kuri ngendanwa bumva n’ibiterasoni, binjiye mu nzu basanze bariko bashurashura mu gitanda ca wa mukobwa.

Ivyo bimaze kumenyekana, hirya no hino hatanguye kwumvikana imyidogo ko sentare yoba yashigikiye abantu bashurashuza abana, mugabo Sentare yoyo yasanze uwo mugabo Pietro Lamberti ata caha afise kuko barikundanira n’ako gakobwa yaciye mu ryahumye kubera agahaye indaro
sentare yaciye imweza.

Messages

  • Iyo sentare yaciye urubanza itagendeye ku mategeko kuko yagengeye kuri sentiment(amarangamutima)amategeko yo muri ico gihugu ateganya ka umwana aba afise imyaka ingahe?niba iri hejuru ya 11ans uwo yari akwiye guhanwa batarevye uko bakundana.ako kana karahenzwe hashingiwe ku bukene kari kifitiye iyo ni" viol sur mineur"

  • Umwana angana uko ni umucuko,naho data yakuriye i Bulaya! législation yo mu butaliyano ntimurekurira consentement kuko ni umu mineur incapable de dicernement donc urwo rubanza ruteye agahinda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.