Accueil > Imibano > Urukundo > Urukundo rw’ukuri muri ino myaka worubwirwa n’iki
Urukundo rw’ukuri muri ino myaka worubwirwa n’iki
dimanche 23 Ruheshi 2013
Muri iyi myaka turimwo, usanga abatari bake bibaza koko namba urukundo rw’ukuri rukibaho, namba umuntu akwiye kuvyemera ko yokundwa vy’ukuri. Abenshi usanga bavuga ko yaba indyarya n’abavuga ukuri, bose bigorana kubatandukanya.
N’ubwo gutandukanya uwugukunda n’uwukubesha bigorana, hariho bimwe mu bimenyetso abahinga bavuga ko vyokwereka umuntu ugukunda vy’ukuri:
1. Urukundo nyarwo rutangirwa ubuntu
Mu buzima bwa minsi yose, hariho ibintu ngirakamaro ku buzima duherebwa ubuntu, ata kiguzi, ivyo ni nk’ibintu umuntu akeneye kugira abeho. Duhereye ku mwuka duhumeka, tuwuronkera ubuntu, amazi (ay’imvura nk’akarorero) nayo tuyaherebwa ubuntu, itiro no gukanguka tubiherebwa ubuntu, izuba naryo nyene kuri iyi si ntaworonka amafaranga yo kubiriha.
Urukundo nk’iremezo y’ubuzima narwo kururonka no kuruhabwa nta kiguzi cari gikwiye gusabwa kuko igihe Imana yarurema, yategekenije ko rutegerezwa gutangwa ku buntu, uhereye ku muvyeyi avyara umwana akamukunda ku buntu, umugore canke umugabo barondera umukunzi ku buntu.
2. Hari ikiguzi rimwe na rimwe gikenerwa ku bintu bitangirwa ubuntu
Nk’uko kugira uronke amazi meza utegerezwa kugira ikiguzi kiri hasi utanga, no kugira ngo izuba ndetse n’imvura ukomeze kubironka ku buntu kandi neza hari ikiguzi utanga cane cane nko gutera ibiti, kubungabunga amashamba, gufata neza ibidukukuje, ariko ntibiba bisigura ko uba uriko uragura imvura canke izuba, ahubwo uba uriko urafasha kugira ubironke.
3. Umuntu yokwibaza ati : “Mbega ni ikihe kiguzi ntegerezwa gutanga ku rukundo?”
Akenshi mu gihe tugezemwo, abatari bake baritiranya urukundo no kugura. Aha usanga umuhungu yumva ko uwo bakundana bategerezwa kuryamana nawe kugira yemere ko amukunda canke umukobwa akumva ko urukundo rw’umusore bakundana ruzogaragarira ku bwinshi bw’amafaranga amuha, gutyo abone kwemera neza ko amukunda koko.
Nta kiguzi uretse gukundana uko bikwiye ata buryarya
Aha usanga hari abagwa mu mutego wo kutazigera babona urukundo kuko baba bibagiye uburyo bwo guhitamwo. Ibintu ni ibironderwa, biraza kandi bikanagenda, ni nayo mpamvu uwuguhaye amafaranga canke uwo mukoranye amabanga mpuzabitsina ico kitaba gihagije kugira wumve ko wakunze canke wakunzwe
4. Uwo ukunda uramwitangira
Ingingo yo kwitanga usanga yitabwaho cane no mu rukundo rw’ukuri rumwe rutagira uburyarya. Aha usanga umuntu yitaho umukunzi wiwe uko ashoboye ndetse ataretse no gutanga yaba amafaranga. Kuraba uko umwe yitangira uwundi ni kimwe mu bigaragaza urukundo nyarwo.
Aha rero ni vyiza kumenya gutandukanya kwitangirwa kubera urukundo ufitiwe no guhabwa kubera umururumba n’ubusambo.
Mu rukundo rw’ukuri, kwitanga ni vyiza cane, ndetse ukageza n’aho witanga ukiyibagira kuko nico urukundo ruvuga. Ivyo ukora cane cane bikuvuye ku mutima nivyo bizokomeza urukundo rwanyu kurusha uko mwaryamana canke womuha ubutunzi burengeye kugira umwereke ko ushoboye.
5. Ikimenyetso ntabanduka c’urukundo rw’ukuri ni umutima ubwawo, nta kindi na kimwe cowusubirira
Umutima nk’ikimenyetso ntabanduka, abahinga batandukanye bemeza ko umutima wonyene ubwawo na kamere bishobora kukwereka cane uwo wewe ukunda vy’ukuri kuruta uko wenyene wovyibwira, gusa ico urukundo rw’ukuri rutabura, ni ubuntu haba ku mukobwa canke ku muhungu.
6. Urukundo nyarwo rugera no mu zabukuru
Ico ubuntu buvuze aha, ni ugukunda umuntu ata nyungu n’imwe umurindiriyeko. N’ubwo benshi mu mwaka y’ubu bemeza ko bitakibaho, ukuri ni uko igihe cose ubuntu ataribwo buyoboye urukundo urimwo, menya neza ko uba uri mu rukundo rutari urw’ukuri, ruba ari urukundo rwironderera akunguko, urwo narwo ntirumara na kabiri, ari naco gituma ingo zidasiba gusambuka, abakundana nabo bakaguma bahindagura abakunzi.
Egide Nduwimana
Messages
25 Ruheshi 2013, 16:40, par ntiruvakure.ismael@yahoo.fr
iyo utafise uwo mukundanye womuhiga gute? Nayahemajambo womubwira kugiraguhe urukundo
8 Ndamukiza 2014, 17:24, par Richard
None mwonyereka ifoto yumukobwa yitwa enelyse wi nyanza . Lac. Yiga muwicenda zone kabonga
11 Ndamukiza 2015, 22:49, par Nkurunziza Emile
Vyukuri urukundo nyakuri gusa turwitwaramwo nabi.Kuko rwamyeho ruzamaho.Peace
26 Rusama 2015, 21:55, par Gerard
Hamwe Umusore Canke Inkumi Itorondera Uwo Bikundana Ntiyobaho?
18 Gitugutu 2015, 00:29, par patrick
jewe nakunze umukobwa ariko twararyamane yarasabwe aguma ashaka ndamurongora ndabigeze gute?
18 Gitugutu 2015, 00:31, par patrick
jewe nakunze umukobwa ariko twararyamane yarasabwe aguma ashaka ndamurongora ndabigeze gute?
24 Gitugutu 2015, 11:18, par patience
ikibazo urukundo ruguheramwo ryari.hamwe utagikunda?
8 Ruhuhuma 2016, 09:28, par Espoir
None igihe ukunze umukobwa wamuhishuka ko wamushimye ugasanga yarabengutswe woca ukora iki mugihe ushaka kumuha urukundo rw’ukuri?
18 Ruhuhuma 2016, 20:27, par ezekiel ndayizigiye
iyo umuntu adakunz menga nigicibwa aciye kubakundana bari muri nature n’ahandi mwodufasha iki?umuntu yokundana ryari ko mbona ari ngombwa ko dukunda
14 Ndamukiza 2016, 19:27, par JEAN CLAUDE SIRAHENDA
BITEWE N’UKO URUKUNDO ARI UMWAMI,ABAKUNDANA BAGOMBA KUBAHANA MURI BYOSE.
15 Ndamukiza 2016, 10:36, par Shemezimana Claudine
Urukundo Rurihangana Kandi Rwemera Vyose.
15 Ndamukiza 2016, 10:53, par Rukundo Eric
Neza Na Neza Urukundo Rw’ukuri Ntawushobora Kururwanya Ngo Arushobore.
15 Ndamukiza 2016, 11:01, par Karimanzira Idrissa Abacu
Urukundo Nigwiza Cane Ninacogituma Mpanuy Abakunze Bose Gushira Imbere Urukundo Rwabo Umwe Ababay Nuwundi Abar Gutyo Ruzarama!
10 Rusama 2016, 13:16, par Nestor
None Nomenya Gute Ko Umukunzi Wanje Ankunda Vy’ukuri?
30 Rusama 2016, 19:29, par PROSPER
nokorera iki umukunzi wanje ngo yame anyibuka?
11 Ruheshi 2016, 10:44, par Bizimana Coude
None Umuntu Yokora Iki Kugira Aronko Uwakunda Nawe Akamukunda?
6 Myandagaro 2016, 19:13, par Elvis
Nne Wakunz Umunt Yoguh Ik?
11 Gitugutu 2016, 21:35, par NIRAGIRA Joseph
nokora iki kugra umukunzi wanje agume anyibuka?
17 Gitugutu 2016, 20:41, par Rodrigue
neza na neza urukundo rwukuri ntawoshobora kururwanya ngo arushobore
8 Munyonyo 2016, 21:10, par sengabo odias
umenya gut yuko uwukunda akwitayeho?
12 Munyonyo 2016, 06:37, par Niyonzima Phéphé
Jew Mfita Umukobwa Dukundanye Mugabo Twakundanye Yahevye Uwundi Muhungu Nne Uwo Muhungu Aguma Amwirukako.None Uwo Muhungu Yoba Ashaka Iki?Kand Umukobwa Nawe Yambwiye Ngo Yase Abahungu Benshi Ngo Dukundane.None Mubna Uwo Muhungu Nomukorera Iki?
9 Nzero 2017, 20:54, par bizimana innocent
none bishitse ukabumukunda umuha uduntu turyoshe umuryohera hama akakuvanga muricogihe wocufatingingo yokumuheba?
9 Nzero 2017, 21:01, par bizimana innocent
ndinumukobwa nkunda kandi akankunda ariko birashika akigumura akamarimisi ata sms ata bip kandi najewe nkumvako twahebanye muga dusubiye kubonana bikavuya vyinguvu mfatiki ndamuhebe?
15 Nzero 2017, 20:30, par Niyonkuru hassan
Umukobwa iyagukunda ubibonagut? nimusigurire
22 Ruhuhuma 2017, 20:42, par Vava
Ibint Vy,urukund Bury Nihatar Ushobor Guknd Arik Ntukundwe Cank Ugakundw Ntukund. Icombon Kuwovyokundir Ivy,urukund Ntakamar
7 Ntwarante 2017, 00:26, par Arcade
Ego N’ivyuku Mumwaka Tugezemwo Ubu Abenshi Nko Mugwaruka Usanga Batigera Bamenya Urukundo Nyakuri, Bikavana N’inyigisho, Bigishwa , Usanga Zitandukanye N’urukundo Gwirondera, Bigatuma Haguma Haba Ikibazo C’inryane Muri Ukwo Kubura Urukundo.
15 Ndamukiza 2017, 17:46, par Hakizimana Vianney
Kubwanje Kuberako Atarukundo Nyakuri Rukiriho Kuko Abenshi Babivuga Mumajambo Gusa Ariko Ntibishirwe Mungiro Umuntu Yokwirimana Gusa Nayo Ikazomuronsa Uwobakwiranye.
20 Ndamukiza 2017, 19:04, par NTIBIBUKA cyriaque
mfite umukobwa nkunze iyo turiko turaganira ntashako duhuza amaso nimumpe umuco
23 Rusama 2017, 00:38, par Niyongabire Sylver
Jewe Ndakeneye Umukobwa Twakundana Guko Jewe Simfis Wodukundanye Umukobwa Yumva Ko Twokundana Yondondera Kuri 25768883728 Mba Burundi-Ruyigi-Gisuru-Rubanga-Giterama. Ok
10 Mukakaro 2017, 09:14, par Niyogushima Eric
murakoze.Mugabo Mumfashe.Gusomana Numukobwa Nibibi?Ko Benshibavugango Kugira Urukundo Rurame Ngo Nugusambana Nivyo?Hoho Umuntuyokora Iki?
13 Mukakaro 2017, 08:12, par TOKEO SALOMÉ
Jewe umukunzi wanje iyondamuhaye bizu aremera mugaarikowene aratinyakurimpabivakuki?kandiambonye duhuyeacabana ibiteterwebivakuki?mbereduhuriranye avuyemurupangu,kwirembo acaasubira murugo bivakuki?ngiyemuhira iwabo ntiyemerakotuyagirahanze agombakotuyagiramunzubivakuki?turimunziraaratinyakoduhuranumuvyeyiwiwebivakuki?kandimuhira iwe tuyagiramunzuahayaturaba.
5 Myandagaro 2017, 13:13, par NGOMIRAKIZA LEONARD
jewe Ico Novuga None Ko Hari Nkumukobwa Ashobora Gukunda Umuhungu Akaguma Amusaba Utuntu Tumunezera Nkugwo Nurukundo Nyakuri?Oya Urwo Surukundo Nyakuri Umukobwa Agukunda Ntakintu Agusaba Kiretse Nkumugambi Aba Akeneye Ko Murangurira Hamwe. Ariko Jewe Nari Nkeneye Umukobwa Dukundana Twoshobora Kurangurira Imigambi Hamwe .Uwonkenera Yo Terefona Kuri:61153057 Mba Burundi -rutana-rutana
2 Nzero 2018, 20:55, par bizimana innocent
jew mfisumukobwankunda arik akundwa nabensh nokorik kugira ntibamuntware kand ntarenze ivyobimenyetso mutubwiy biranga urukund gwukuri
18 Ruhuhuma 2018, 19:49, par Niyonizeye Jean de Dieu
nanje nkunze umukobwa iyoturikumwe nabandi arafuha nkugo nurukundo?
12 Rusama 2018, 04:14, par bizimana innocent
mbegak muvuga ukw mbaz bagenz mwes duhwanir murizi mpanur baduh mubon urukung gwub rumez gut?ncembaza kand uwufis uwakunda atakint nakimw amuh nind?cank mwebw mubitang imigamb mumaz kurangur niyih?
14 Rusama 2018, 14:36, par itabnbnItangishaka Audace
turashima ivyomwandik
15 Ruheshi 2018, 19:44, par celeus kanyenyeri
mubisanzwe urukundo rwubu rwaratitutse kuko uwukunda usanga atagukunda
30 Ruheshi 2018, 21:52, par NYABENDA Buhungu
KOSHAKA UMUKUNZINOMUBON?
10 Mukakaro 2018, 14:47, par TUYIZERE Esperance
mbega umuhungu agukunda vyukuri umubona gute ko mbona ivyubu bisigaye bitaboneka
29 Mukakaro 2018, 11:46, par Nkeshimana raja
Andika hano umukuzi wanje ndomukorera iki?kugira ankunde cn iyoryamye kondamutekereza cn iyonduhuye ntagombakurwamunda nukuberiki?
29 Mukakaro 2018, 11:52, par Nkeshimana raja
Andika hano iyoukunda umukobwa womenyagute?kwagukunda?
22 Myandagaro 2018, 21:05, par Niyonkuru Pascal
Iyo Bishitse Umukunzi Mukundanye Agashaka Kugukundira Ivyo Umuha,niki Wokora?Canke Gwoba Arurukundo Rufise Ishingiro?
23 Myandagaro 2018, 17:00, par Kezimana Chadrack
Nihwej Iyo Nkur Vrement Abant Bensh Bakunda Kubwamafaranga Bab Babonan Abant Kuko Naj Ahomperey Vyarashikiy Arik Iyo Ukunz Kubwamaronk Urukund Ntiruramb Arik Benshibaramaz Guhinduk
9 Gitugutu 2018, 21:49, par Jean Mbatiste Niyongabo
Nukuvugako Urukondanyakuri Ubumuribamwebamwe Rwaramazekurangira Kuko Usanga Akunze Umuhungukugirayironke Tamafangagusa Canke Umuhungu Agakunda Umukobwabasakaguhuza Ibitsina Nukuvugako Urukundonyakurintibakirukurikije Kuko Ubuntu Mumitimayabo Atobwo Baba Bagifise
12 Gitugutu 2018, 06:03, par Ngendakuriyo diomede
Nashaka musigure harya umuhungu usanga akunze nkabakobwatanu cankumukobwa bivakuki? Mbenikuberiki kungingoyubu atamuhunguyokundumukobwa ntibahuzibitsi bivakuk? Mbenikuberiki ukundumwigeme ntaguhikirori bivakuk ?
4 Munyonyo 2018, 08:58, par Désiré Buregeya
Hagat Yumuhung Numukobw Nind Yipfuz Can Kwerekw Kakunzw?
6 Munyonyo 2018, 20:34, par Emmanuel Ndayishimiye
UBONA GUTE KUMUKOMBWA AGUKUNDA VYUKUR?
13 Munyonyo 2018, 19:51, par dieugo-bi irakoze
mbega iyo ukunze umukobwa ntaguhe umwanya bisigura iki?