Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo rwa kure na kure rurashoboka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Urukundo rwa kure na kure rurashoboka

Urukundo rwa kure na kure rurashoboka

mardi 23 Mukakaro 2013

Ntimusubire kwumiviriza abantu bababwira ngo ubugenzi bwanyu ntibuzorama ku mukunzi wawe aba ku birometero 600. Muzobabwire ko urukundo rw’abantu baba kure nakure rushobora kugira amahirwe yo kuramba kurusha abantu babana hafi na hafi.

Hano mu gihugu cacu turamereye kwumva bavuga ko bidakunda ko abantu bashobora gukundana batabana hafi nk’ababa i Buraya canke mu ntara yindi ya kure, abenshi ngo baratinya .

Mu gihugu ca Amerika barakoze itohoza kugira barabe urugero abakundana batari hafi na hafi bashobora kugera ko, abashakashatsi bo kuri kaminuza imwe y’i Hong Kong barahumuriza abantu bafise ubwoba ko urukundo rwabo rushobora gutosekara ku mpamvu y’uko ibirometero bibatandukanya ari vyinshi. Atari kureka kuvuga rumwe n’abantu bemeza ko urukundo rwa kure na kure ataco ruvamwo, ico cirwa kivuga ko urukundo rw’abantu bari kure na kure ko rukomera ndetse gusumvya n’abari hafi na hafi.

Abakoze ico cigwa bagereranije umwanya w’agaciro abantu bahana mu kuganira ku bakunzi babana hafi na hafi hamwe n’ababa kure na kure. Baciye bafata baza barumviriza ibiganiro bayaga, ubutumwa bandikiranirana mu materefone yabo, umwanya bahamagarana, n’ibindi, ico bakuyemwo n’uko ababa kure na kure bakundana bibafasha kuza baraganira cane kurusha barya babana hafi na hafi.

Tukaba tuzi ko, ikiganiro ari ryo buye urukundo rwubakirako. Ubu mu gihe hari ubuhinga bwinshi butuma abantu baganira bagahanahana amakuru, abantu bakundana badafise akaryo ko gukoranako canke kubonana uca usanga baca bashira imbere kuza baraganira umwanya munini ku mvo z’inkumbu. Uca usanga bahanahana ivyiyumviro umwe wese akaza arabwira uwundi ivyo yabayemwo.Umuntu adaharuye inkumbu hamwe, rimwe rimwe umuntu ashwana n’umukunzi wiwe ngo urukundo rwa kure ni rwiza.

Mu majambo make, abantu bakundana kure nakure si bibi, mugabo muragabe hari igihe umwe muri bo usanga atangura kwigenza nabi ugasanga aza arafatana amagahunda n’abandi bagabo canke n’abandi bagore. Ni ukugira umwizerano hanyuma umwe wese agashimikira gukomeza urukundo rwabo uko ari babiri. Benshi baravuga ndetse ko iyo muvyifashemwo neza mushobora no kwubakana umubano wanyu ukaguma kurusha ndetse n’abarya bakundanye babana hafi na hafi.


Floxella Karire

Messages

  • jewensomye iyokuru iconovuga=kubamukundanye murikurenakure arashobora kubafite uyundibakundanye nkuku arihanzeyigihugu wewe ugumawibaza komurikumwe arikomutarikumwe,arashobora kugutelefona mugaboatagukunda kugirakuryohere wibazakomukirhkumwe<canke akakwandikira sms>atagukunda..mubanahafinahafi murakundakubonana ingesoze urazibona aguhenda canke ukamuhenda mushobora kubimenya-nkajewe arikure sinomwizera mbe arikure nomenyagute kwatawundi afite?

  • Ndi Egid Mvuka Igitega Nkaba Mfise Umukunzi Wanje Imuyinga Kandi Uburyo Nibuke Kugira Tubonane Ndavyiteguriira Cane Abagenzi Banje Ndabibabwiye Ntanakimwe Bamfasha Atar’ukobantoz’imigambi Yokumwikuramwo Ngokubera arikure Non Ataco Dupfuye Mweho Mwongish’inama Nk’iyinyene? Mungishij’inam’iyih?

  • Jewe Narimfise Uwonkunda Akaba Ataba Hafiyanje Nahoranibazako Ampenda Nkibazako Afise Abandi Bakundana Ariko Nasanze Ankunda Birenze Ubuturakunda Kandi Turizerana Mumirimo Yamisiyose

  • Ego barakundana ariko ntitwiyobagize iki.LA DISTANCE SEPARE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.