Accueil > Poritike > Imigambwe > Urunani COPA rumenyesha ko rwemera Reta yashinzwe n’umukuru w’igihugu
Urunani COPA rumenyesha ko rwemera Reta yashinzwe n’umukuru w’igihugu
mercredi 26 Myandagaro 2015
Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta COPA rumenyesha ko rwemera Reta yashinzwe n’umukuru w’igihugu kuwa 24 Myandagaro 2015 kuko yakurikije amategeko.
Jean de Dieu Mutabazi arongoye urunani COPA amenyesha ko Reta yashinzwe yavuye mu matora yabaye neza,mu mwidegemvyo kandi akurikije amategeko.
Umukuru w’Urunani COPA amenyesha ko urunani arongoye rwitavye amatora ariko rutaronse ibice 5 kw’ijana bitangwa n’ibwirizwa nshingiro,ari naco gituma bataronse ikibanza muri Reta nshasha.
Jean de Dieu Mutabazi amenyesha ariko ko,hisunzwe ivyari vyasabwe n’akarere ko hoshingwa Reta y’ubumwe ,bari bafise uburenganzira bwo kuja muri Reta,ariko bakaba biteze kwitura umuhuza.
Mwomenya ko Urunani COPA rutaronse umushingamateka n’umwe mu matora y’abashingamateka yabaye le 29 Ruheshi 2015.
IGIHE
Messages
26 Myandagaro 2015, 20:31, par gezaho
abo muri copa ni copa nyene none bataronse ubushikiranganji canke ubushingamateka aho mwirirwa gutora mwaronse iki mwaruswe nabatagiye mwembwe mureremba nkinyoni watwawe namazi donc aba dd barabinuba icibagiwe ni opositon nikuki batabibiye amajwi nkarya ya rwasa tumwanya mwabakungumwe
26 Myandagaro 2015, 20:43, par Mutabazi
Pfa gusambagirika urabe ko hari direction generale boguha nko muri Ministere de l’Agriculture et de l’Elevage nayo ukwemera ko nta choix ufise, utegerezwa kwemera. Niwabandanya urega abantu banyoye inzoga kubera kunezerwa bazokwibuka
26 Myandagaro 2015, 22:06, par vyenya
tekereza.warose.ubusa.yuuuu.mutabazi.iyaba.waruwo.mbarira.waziba.rwarwamo.rwawe.ukabura.nagatebe.kamwe.ahubwo.copa.nifutwe.vyoba.vyiza
27 Myandagaro 2015, 15:55, par Mujeri Paul
Yooo Pauvre homme, ndi mumugambwe wawe nkumva ivyo uvuga kunkinamico zamatora ziherutse kuba , noca ndawuvamwo .... Niho shefu wanyu abita ba Mujeri , bokuja mura tuneza muraba utwo yobakororera hasi .... Bandanya urabe ko yoguha nubu nymbakumi ko wihebeye inda , nayo ubuntu nubushinganatahe bwo ndabona ko wabushiburiye kure ... Bonne chance Mutabazi, bandanya Uvumba canke ukoma amashi , ntihobura na gasharuro baguha....
27 Myandagaro 2015, 19:09, par Vaga
@Mutabazi: Uti hisunzwe ivyasabwe n,akarere? Constitution rero yabaye chiffon? Uwabaroze ntiyakaravye!
27 Myandagaro 2015, 23:13, par Kadham
Mbe mutaba,iyo wasegeye nka kaburugu aho ntumaramara uri umugabo?erega wabaye ububoyi wa CNDD-FDD!Heba politique yarakwikuy ja gusega mur ville!
31 Nzero 2016, 07:53, par Tu .
Biragoye kuko uburundi buri n’amaraso kera akibarondera.he muragaba!