Accueil > Poritike > Imigambwe > Urunani COPA rwatanze uwuzoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu
Urunani COPA rwatanze uwuzoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu
mardi 21 Ndamukiza 2015
Imigambwe ihurikiye mu runani COPA yatanze Jean de Dieu Mutabazi kugira aze aruserukire mu matora.
- Jean de Dieu Mutabazi asanzwe arongoye umugambwe RADEBU
Jean de Dieu Mutabazi asanzwe arongoye umugambwe RADEBU Akaba yizewe n’urwo runani yarasanzwe arongoye COPA (coalition des partis politiques pour une opposition participative), kugira aze ahiganwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri uyu mwaka w’2015. Urwo runani rero rukaba ruzoshira imbere ukurwanya inzara, ico bise ‘’Faim zero’’. Mutabazi rero akaba asaba abariko barahiganirwa ibibanza mu matora, guhimiriza abo barongoye mu kwitaba amatora, kugira baze bahindure ibintu kw’ijwi ry’umunyagihugu.
Urwo runni rukaba rugize kabiri ruvuze uwuzitoza, inyuma y’umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye azoserukira urunani RANAC. Izindi nani nka ADC Ikibiri canke Abigenga Amizero y’Abarundi barongowe na Agaton Rwasa n’umushingamateka Karori Nditije, n’umugambwe uri kubutegetsi, bakaba bataravuga uwuzobaserukira mu matora. Abandi bamaze kumenyekana ko bazohiganwa muri ayo matora, bakaba ari bamwe mu bigenga.
Aristide Nizigire
Messages
21 Ndamukiza 2015, 11:14, par Jewe
Igihugu cotwarwa na MUTABAZI coba kibuze umutware ntavyiwe , inryarya ibushitse.
21 Ndamukiza 2015, 11:59, par uwah
bien dit @jewe ico gih cotwarwa na Mutabazi coba ari icah!!!! ntibikab knd ntibizoba
21 Ndamukiza 2015, 16:29, par miburo
owo RWASA muvuga niyitoza agatsinda amatora ntazahirahire ngo ahonyore akarenge mu RWANDA kuko n’umwicanyi ruharwa. amenyeko abanyarwanda,abagande n’abacongomani bavuga ikinyarwanda bamwanga urunuka.
21 Ndamukiza 2015, 22:08, par Nuwera
Jewe uyumugabo mbonasumba baryabahamagarira abenegihugu kujamwibarabara twirirwa turahayagiza ngobarashobora guhindura ibintu; Komerezaho mutama uzokoroka wuriye, jewe hagushigikira abahamagarira abenegihugu kujagutera amabiye aba polisi nokwishigikirira uyu MUTABAZI ahamagarira abantu kuzomutora.
22 Ndamukiza 2015, 09:07, par Citoyen Lambda
Hahaha. Ni blague?