Accueil > Amakuru > Amatongo > Urunani FORSC ruranegura imvugo zikoreshwa na Serapiyo Bambonanire
Urunani FORSC ruranegura imvugo zikoreshwa na Serapiyo Bambonanire
lundi 9 Ntwarante 2015
Mw’ishirahamwe FOSC baranegura imvugo zikoreshwa n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo CNTB, aho yifatiye mu gahanga bamwe mu bajejwe intwaro, umutekano n’abashingamateka.
Vital Nshimirimana akavuga ko imvugo yakoreshejwe na Serapiyo Bambonanire arongoye uwo murwi, bisa naho yariko aratebura canke atera inkuru, eka mbere bimwe bimwe bikaboneka ko muri iyo mvugo yiwe, bigaragara ko uwo murwi ukorera inyungu za poritike, atavyo kunywanisha ashiramwo. Ivyo akaba yabivuze, yisunze ivyavuzwe n’uwo arongoye uwo murwi, aho amenyesha ko bamwe mu bashingamateka ba CNDD FDD, bitwaza kubura amajwi i Makamba, kubera ingingo zifatwa n’uwo murwi.
Tukabibutsa ko mu ntara ya Makamba, abanyagihugu bahungutse hamwe n’abasangwa, bari bamaze iminsi barabana ay’ingwe, ndetse bagahakwa n’ugutemana kubera izo ngingo z’uwo murwi. Mu mugambwe CNDD FDD, bakaba baciye banyarukira muri iyo ntara. Mu ntara ya Makamba, Pascal Nyabenda arongoye uwo mugambwe, akaba yabariye abanyagihugu, ko bokwihangana kugira amatora abanze ave mu nzira, bakazosubiramwo ivy’izo ngingo amatora aheze. Asaba abagumyabanga kudacanishwamwo n’izo ngingo za CNTB.
Tubamenyeshe ko muri iyo ntara, umukuru wa CNTB, yavuze ko abakozi b’uwo murwi barashwe , baraterwa amabuye n’abanyagihugu, abaporisi bari ngaho, barorera. Imanza zirenga amajana abiri z’amatongo, akaba arizo zimaze gusubirwamwo n’uwo murwi, nk’uko Serapiyo Bambonanire abivuga. Ariko zimwe zimwe, buramatari yarazihagaritse, ku mvo z’umutekano vyasa n’uko wagira uhungabane.
Aristide Nizigire
Messages
10 Ntwarante 2015, 06:27, par Aaron
Vital hora nibaza ko atavyo uzi neza imigumuko si Serapiyo canke CNTB bayitera mugabo iterwa nabo bategetsi ba CNDDFDD guko bari bazi ko uwo murwi ari uwo kunyaga amatongo abatutsi bayanyaze en 1972. Ariko nabo nyene urabona uwo murwi ntiwacaguye uba umututsi, umuhutu canke umutegetsi yiyumvira ko wewe yoba ari intouchable CNTB ntiraba bose nugusubiza ibitari ivyabo. Abo bategetsi kubera ko uwo murwi CNTB wabatwaye amatongo namazu yabo nibo baca bagumura abanyagihugu. Kandi urumva ko avuga avec confidence vyerekana ko azi ivyo akora. Buramatari none yarakubwiye amakosa CNTB bariko baragira atari kuvuga ko yashatse kugarukana umutekano.
10 Ntwarante 2015, 12:25, par Ntacontemanga
Aaro nimba uri muburundi,bambwirire imbona nkubone!abo batemanga!
10 Ntwarante 2015, 15:44, par sos
ahubwo cntb icohilorwa yagikoze nabi vyiza barikubaza uwobasanze muriryotongo canke mizu iyonyeneyoari bakamwerekana kuko hababantu nimurindire duhejeje tuzoca twishuzabantunabo iyomwababitse barimurivyo mwanaze
10 Ntwarante 2015, 16:31, par Nuwera
Vital,
Kuba uwomurwi uriko uratunganiriza abarinaranyazwe utarebeye abarikubitegetsi cankabandi bigira ibihangange banyaze ivyabandi uwomurwi numukuruwawo ugakomeza kubivuganabi turabababiri nyabuna! Wewerero warimenyereye bimeevyakera umutware yanyaga rikacariba akamizweningoma? CNTBE nokuntwaro ya canddfdd sikoniro nakare bajegukuraho akarenganyo.
10 Ntwarante 2015, 20:43, par tharcisse
Mu bisanzwe umukuru wuwo murwi akorera uwamushizeho nta gitangaje kirimwo.ariko naho yiyita umuntu wimana aribesha siko biri namba.niba umuntu basanze aba mwitongo ryari iryuwundiurya bahasanzentabwo bamusohora ahubwo baragabura canke bakamuhaahandi mugabo abana ntibangare kuko siwe aba yaranyazemwenitongo.wewe aba yaraguze atanaziko ariryuwundi ,hariho nabayaguze na leta ,rero nukuraba ivyuwo murwi CNTB bakawuhagarika hama bagashiraho uwundi murwi udahengamye kuko turamaze kwumva ko utunganiriza bamwe gusa.
16 Ntwarante 2015, 07:20, par NDUWABIKE SADOCKE
JEWE ICONOVUGA KURIYI NKURU ABAHUNGUTSE NIBAREKE KUTUKINAMWO URUBUGA GWA PORITIKE,NIBADUSUBIZE IVYACU,WEWE UDUTWARA,DUTWARE WISUNZE AMASEZERANO YA ARUSHA,MUVYACU,AMAZU YACU,AMATOGO,BIRAHA MURUMONG NAHAND NIBADUSUBIZE,KOMERA UMUKURU WA CNTB,
16 Ntwarante 2015, 10:40, par mukobwajana
BOSE KO BAZI KO SENTEBA UMUGANI W ABARUNDI KO IKORA IVANGURA NONE BARI BARINZE IKI NGO BAKORE MU NTUMBERO YA ARUSHA KO BAZI KO BARIYE INSHUMBUSHO ONU YATANZE..ABA DD BAMEZE NK UMUVYEYI W IMBWA NIWE ARYA VYOOOSE
4 Nzero 2017, 10:53, par Nzeyimana John
Uwo musenyeli vyaramunaniye natange imihoho!!!! ntavyogunganiriza abahungutse nabasarwa azi, urya umurwi twigeze kumva muri 90, 92 niwo waruzi gutunganiriza abanyagihugu. Nayo CNTB irongowe nuwo musenyeri ntavyawo!,nareke guta ibirake kubategetsi, bamakamba ,jewe nariboneye beshe babategetsi batanze amatongo yabahungutse atangorane zibaye, akarorero umuhisi Bikomagu yaratanze amato yibigazi meshi muri NYANZA-LC hamwe nuwahoze ari musitanteri NYAZA-LC umuhisi EVARIST CIZA abo baratanze amatongo yabari bahungutse, nabandi ntarinze kudondagura. Nukuri kuvyo mbona CNCTB imaze imisi ikora birateye isoni! nukugomba gucanishamwo abarundi nakare bitarishemeye ivyumutekano.