Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani rw’amakaminuza yo muri Afrika y’ubuseruko ruriko rutegura irindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urunani rw’amakaminuza yo muri Afrika y’ubuseruko ruriko rutegura irindi (...)

Urunani rw’amakaminuza yo muri Afrika y’ubuseruko ruriko rutegura irindi huriro

mardi 25 Ruheshi 2013

Urunani rw’amakaminuza yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bifadikanije n’abadandaza bo muri ako karere bariko baratunganya ihuriro rigira kabiri rizobera mu gisagara ca Nairobi ku genekerezo rya 23 Gitugutu gushika igenekerezo rya 27.

Muri iryo huriro riba ku mwaka ku mwaka, abaserukira amakaminuza yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko barabira hamwe ibibazo bihanze ubumenyi batanga, ari navyo bibazo bituma rimwe na rimwe abahejeje amashure badashobora guhangana na bagenzi babo bo mu bindi bihugu.

Ikindi kibazo gikunda kuboneka n’igihe abakoresha bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko basanga ubumenyi abasaba akazi baba bafise budashimisha ico baba babaronderako. Muri urwo runani, abaserukira amakaminuza n’abadandaza (abanyamitahe) bigira hamwe icokorwa kugira amashure ya kaminuza asohore imikangara ishobora kuba nkenerwa ku batanga akazi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Ndabaneze Pontien, icegera c’umunyamabanga mpuzabikorwa muri urwo runani, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru yibukije ko kaba n’akaryo ko guha agaciro ibikorwa bihingurirwa muri Afrika y’ubuseruko kuko vyagaragaye ko abantu benshi bahurumbira ibikorwa vy’ubuhinga bw’abanyamahanga kandi no ngaha iwacu hari abashakashatsi babishoboye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.