IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Urunani rw’amaradiyo ku kibazo c’umugwi CENI w’amatora yo muri (...)

Urunani rw’amaradiyo ku kibazo c’umugwi CENI w’amatora yo muri 2015.

mercredi 19 Kigarama 2012

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2012, amaradiyo 4 yigenga yakoreye hamwe mu makuru yo ku mutaga. Ikibazo kimwe nico cavuzwe gusa : ingene umugwi ujejwe gutegura amatora yo mu mwaka w’2015 wagiyeho, umwizero ufise n’ivyo wokwihutira gukora. Aho ni mugihe uwuwurongoye hamwe n’umuvugizi wawo biyamirijwe n’imigambwe itavuga rumwe na Reta kuko bahora muri ivyo bibanza mu matora yo mumwaka w’2010.

Amaradiyo ane yigenga ariyo Bonesha FM, Isanganiro, RPA na radiyo Renaissance zose zakoreye hamwe mu makuru yo ku mutaga n’ibiganiro vy’inyuma y ‘umutaga. Intumbero yari iyo gukebura umugwi mushasha CENI uheruka gutorwa ngo uzotegure amatora yo mu mwaka w’2015. Uyo mugwi ukaba uherutse gushirwaho uriyamirizwa n’imigambwe itari mike.

Abahinga bigenga bavugiye muri ayo maradiyo ko umukuru w’igihugu akwiye guhindura abagize uwo mugwi CENI ku neza y’intwaro rusangi. christophe Sebudandi amenyesha ko ata nzu iriko irasha kandi ata cihutirwa ngo umukuru w’igihugu yohindura babiri mu bagize uwo mugwi, abo nabo ni Pierre Claver Ndayicariye awurongoye na Prosper Ntahorwamiye umuvugizi.

Gertrude Kazoviyo yigisha muri za kaminuza amenyesha ko umugwi CENI mushasha wogerageza ugakurikiza amategeko ukirinda ivyotuma wagirizwa ko uhengamiye ku ruhande uru canke ruriya.

Urwego rw’abashingantahe Fondation Intahe narwo rusaba umugwi CENI gukosora amakosa yabaye mu matora yo mu mwaka w’2010 yatumye imigambwe itavuga rumwe na Reta yisokora. Cassien Simbare arongoye urwo rwego amenyesha ko ari akaryo nyako kuri Pierre Claver Ndayicariye ko kwerekana ko ivyo bamuvugako ko ahengamye atari vyo.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD usaba ko umugwi CENI wokwisunga amategeko awugenga maze ugashira imbere inama n’ingingo kugira hazobe amatora yigenga,yubahirije demokarasi kandi atekanye yizewe na bose.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta yoyo imenyesha ko ata nkeka izokwitaba amatora yo mu mwaka w’2015. Leonce Ngengdakumana arongoye urunani ADC-Ikibiro rw’iyo migambwe asaba ko umugwi CENI woshira imbere ibiganiro hagati y’imigambwe yose yegwa n’amatora kugira ntihabe wandya wangura canke ka mwana wa mama.

Umuhinga mu vya politike Jean Salathiel Muntunutwiwe cokimwe n’uwuserukira ishengero rya Anglicane mu Burundi Bernard Ntahoturi basaba abagize umugwi mushasha CENI kwerekana ko ari abashingantahe bahagiye babikwiye. Bagasaba ko utunenge twibonekeje mu matora yo mu mwaka w’2010 twobabera icigwa maze ayo mu mwaka w’2015 akaba meza cane, atekanye kandi yubahiriza ubwigenge bw’umunyagihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.