Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ururirimbo "Twoter’imbere" n’inyishu ya "Nzobiki" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ururirimbo "Twoter’imbere" n’inyishu ya "Nzobiki"

Ururirimbo "Twoter’imbere" n’inyishu ya "Nzobiki"

lundi 11 Myandagaro 2014

Umuririmvyi Spok’s aherutse gusohora ururirimbo rushaka gutanga inyishu y’ururirimbo "Nzobiki" aherutse gukorera isanamu. Uwo muririmvyi ariteguye kwerekana bishasha kuri rya sango rya TopTen Tube Music Awards 2014.

Ururirimbo "Twoter’imbere" ruherutse gukorwa na Spok’s afashijwe n’inzu ihinyanyura indirimbo n’amajwi "Indonyi Records". Tumaze kwumva urwo ruririmbo tukumva rufitaniye isano na "Nzobiki", Spok’s yasiguye igituma yiyumviriye gukora ururirimbo nk’urwo.

Mu kiganiro Spok’s yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Spok’s avuga ko "Twoter’imbere" ari ururirimbo ruza nk’inyishu ya "Nzobiki"( nzobiki muri kazoza). Aho umuntu ata umutwe yibaza ico azoba muri kazoza, yibaza akazi azokora, Spok’s yasanze ahubwo umuntu yobanza kugira ico ashoboye. Umuntu amaze kugira ico ashoboye, hanyuma abantu bakibuka gufashanya, nta kibuza ko umuntu yotera imbere. Asanga muri kazoza azotezwa imbere n’ico ashoboye hamwe no gufashanya, kwirengangizanya bikaba indahiro.
Ururirimbo "Twoter’imbere" ruzosohoka inyuma yo kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2014.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari mw’ihiganwa rya TopTen Tube Music Awards 2014 mu gisata c’umuririmvyi w’umwaka bita "Revelation de l’annee". Arashima kubona yarashitse muri iryo higanwa kuko bimutera intege. Ku munsi wo gutanga ubushimwe muri iryo higanwa, Spok’s azoba ariko adandaza indirimbo ziwe kuri "CD". Azodandaza "CD" zibiri imwe iriko isanamu "Video" iyindi y’amajwi "Audio" ku mahera y’amarundi ibihumbi bitanu (5000). Hazoba ari kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro ku kibuga citiriwe "Parquet".

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Nzobiki" rwa Spok’s


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.