Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ururirimbo "Urudubi" rwatumye ubugenzi bwa Yoya na Mkombozi (...)
Ururirimbo "Urudubi" rwatumye ubugenzi bwa Yoya na Mkombozi bwongerekana
mercredi 17 Mukakaro 2013
Umuririmvyi Mkombozi na mugenzi wiwe Yoya bose bamenyeshako ururirimbo ‘’Urudubi’’ rwatumye ubugenzi bwabo bukomera ku mvo z’uko bayiririmbanye hama igatwara ihiganwa rya "Isanganiro Awards" muri uyu mwaka w’2013. Bompi bagashima mu gihe kandi Yoya ariwe yari afise ico gikombe c’umwaka uheze.
Ku ruhande rwa Mkombozi avuga ko vyamushimishije cane kubona urwo ruririmbo rutwara iryo higanwa. Ikindi yamenyesheje ikinyamakuru ‘’IGIHE‘’ ko akari inyuma gahinda, bivuga ko ubu noneho agiye gukora ashizemwo inguvu zose hama abandanye ashimisha abakunzi biwe kuko yabonye ko batamuhemukiye mu gushigikira ururirimbo rwiwe kugera n’aho itwara igikombe.
Naho ku ruhande rwa Yoya we avuga ko kuba iyi ndirimbo ya Mkombozi yaratwaye ihiganwa rya Isanganiro Awards uyu mwaka biri mu bintu vyamunejereje, kuko uretse ko bayiririmbanye asanzwe anayikunda kubera ubuhinga n’ímpanuro zirimwo.
Abo bompi bavuga ko ubugenzi bwabo bwiyongereye kubera ico gikorwa. Umwe wese avuga ko igihe cose azokenerwa n’uwundi atazobura kumwitaba kugira bakorane kuko babonye ko bitanga umwimbu ukomeye.
Joel Sengurebe
Messages
5 Ruhuhuma 2017, 20:06, par B.M.G Q-face
None Mukombozi Ntandirimbo Shasha Afise?
21 Ruhuhuma 2017, 21:48, par CIZA ERIC
Nibabareke Biririmbire Ntakabi Kabo Ubona Hoboneka Nkabandi8 Nkabo Bakaba Cumi Uburund Bwokwogoroy Ark Nibabandany Haraho Arib Imana Yashats Gucamwo Guko Ntawumeny Inzira Y,imana
21 Ruhuhuma 2017, 21:49, par CIZA ERIC
Nibabareke Biririmbire Ntakabi Kabo Ubona Hoboneka Nkabandi8 Nkabo Bakaba Cumi Uburund Bwokwogoroy Ark Nibabandany Haraho Arib Imana Yashats Gucamwo Guko Ntawumeny Inzira Y,imana