Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’abakinyi b’Intamba bazokina na Botswana rwahindutse
Urutonde rw’abakinyi b’Intamba bazokina na Botswana rwahindutse
jeudi 8 Rusama 2014
Urutonde rw’abakinyi bazoserukira Uburundi mu nkino z’ijonjora z’imirwi nserukira bihugu rwahindutse. Hari hategekanijwe abakinyi 19 bakina mu mahanga, ariko baganijwe..
Inyuma yaho hasohokoye urutonde rw’abakinyi 19 bakina mu makungu bazoza gukina mu rukino ruzohuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Botswana rusohokeye, rwahindutse. Umumenyereza Nasseem Lofty, kuva aho agarukiye ava mu gihugu iwabo aho yari yagiye kwivuza, agafadikanye n’abo basangiye kumenyereza Intamba, bakoze urundi rutonde.
Icahindutse n’uko hazotumwako abakinyi 10 gusa bakina mu bindi bihugu, 5 muribo bari i Buraya, abandi muri Afrika. Mwomenya ko imyiteguro itangura kuri uwu wa kane, urukino na Botswana rukazoba kw’igenekerezo rya 18 Rusama. Urwo gusubiza ni kw’igenekerezo rya 31 Rusama. Harategekanijwe urukino rwa kivandimwe ruzohuza Intamba n’umurwi wa Libiya ni kw’igenekerezo rya 25 Rusama 2014.
Abakinyi batumweko bavuye hanze y’Uburundi ni aba bakurikira :
1) Ntibazonkiza Saido akina muri Pologne
2) Nduwarugira Christophe ari muri Mozambike
3) Kwizera Pierrot akina muri Cote d’Ivoire
4) Armel Junior Dadrau : Canada
5) Ndikumana Yamin Selemani : Albanie
6) Valéry Nahayo akina muri Belgique
7) Habarugira David akina muri Belgique
8) Nsabiyumva Frederic akina muri Afrique y’epfo
9) Nzokira Jeff ari muri Djibouti
10) Lateef Alford Aliyu akina muri Malte mu Bufaransa
Urutonde rw’abakinyi bari mu karere bazokwitaba urukino, hatangura izina hakwirikira umurwi akinamwo :
1) BIHA Omar akina muir Vital’o
2) ARAKAZA Mac : Arthur Flambeau de l’Est
3) RUGUMANDIYE : Yvan Athletico Olympic
4) MBANZA Hussein : Inter Stars
5) JUMAPILI Iddy : Vital’o
6) RASHID Léon : LLB Academic
7) NKURIKIYE Léopord : Inter Stars
8) NDIKUMANA Yussuf : LLB Academic
9) MOUSSA Mossi : Vital’o
10) NZIGAMASABO Steve : Vital’o
11) NDARUSANZE Claude : LLB Academic
12) NAHIMANA Shasiri : Inter Stars
13) KAVUMBAGU Didier : Azam
14) NDAYISENGA Fuadi : Rayons Sports
15) AMISSI Cédrid : Rayons Sports
16) NIZIGIYIMANA Abdul Karim : Rayons Sports
17) SHABAN Hussein : Flambeau de l’Est
18) TAMBWE Amissi : Simba sports
19) MURUTABOSE Hemedi : Les Guêpiers du Lac
20) RUGONUMUGABO Stéphane : LLB Academic
21) HAKIZIMANA Issa : LLB Academic
22) KIZA Fataki : LLB Academic
23) HAKIZIMANA Pascal : Flambeau de l’Est
Chérif Nkeshimana
Messages
8 Rusama 2014, 20:57, par girukwayo pierre
ntumukunzu wintamba,umutoza ntazokereshe umukenyuro wo kuzibira kuko turafise abasatirizi bibihangange,ndavye abakinyi batumyeko tuzofunga 2 kubusa bwa botswana,komera!
9 Rusama 2014, 10:51, par hatungimana eric
intamba turazishigiy m information kuri equipe ziratugora kuronka
9 Rusama 2014, 12:38, par Bibi
Nivyiza igituma baryabakinyibandi batazoza nuko amakipe bakinamwo yiburayi bazotangurira amahiganwa rimwe naya cup ya africa kandi fifa ikabayavuze kwataringombwa kubarekura bacabavuga ko munkinozogusubiza bazobarekura ntakibazo hanyuma umutona apangabakinyi neza kuku arabona kwafite abazakazika bashobore gutsinda amagori mensh
12 Rusama 2014, 10:00, par eloge
bageragej gushiramw abanyegori badafyina ntakubuza tuzotsind.artur niw t8zeyek intsinz can...
20 Rusama 2014, 11:59, par Hacimanapacifique
T.V Zino Iwacu Zirakwiye Kuza Zirerekana Inkino .