Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Urutonde rw’abaririmvyi 10 bo muri Afrika bashikanye kure umudiho wa (...)
Urutonde rw’abaririmvyi 10 bo muri Afrika bashikanye kure umudiho wa Afrika
mardi 24 Ntwarante 2015
Inyuma y’igihe kinini umuziki wo mu bihugu vya Amerika ushaka gutwara ikibanza umuziki kavukire w’ibihugu vyo muri Afrika, hari abaririmvyi bo ku mugabane wa Afrika bagumije umuziki wo ku muzi wa Afrika, ariko bakagerageza kuwuvanga n’uwo muri Amerika na Buraya.
Urutonde rutangwa rw’abaririmvyi 10 bo muri Afrika bashoboye kugumye umuziki wa Afrika kandi bakamenyekana, abo babarizwa mu bihugu nka Côte d’ivoire, Nigeria Congo, Kenya na Togo. Ikinyamakuru www.Afriquinfos.com kiratanga urwo rutonde:
1) Fally Ipupa (RD Congo)
Uwo n’umuririmvyi, avuza igitari, umutamvyi, n’umwanditsi avuka mu gihugu ca Congo iharanira intwaro Rusangi. Fally arakundwa cane, bikarenga ari kuri "scène". Fally yigeze kuba mu murwi witwa «Quartier Latin» w’igihangange Koffi Olomide. Urukurikirane yise «Droit chemin» rwamushize cane ku rwego mpuzamkungu. Yagurishije ama "exemplaires" agera ku 100.000. Yagiye atazirwa "Di Caprio" kubera ubwiza bavuga afise, ahandi bakamwita "La Merveille" kubera ubushobozi bwiwe ntagerwa. Fally Ipupa amaze kuronka ubushimwe bwinshi : agashimwe kitiriwe «Césaire de la musique» katangiwe i Paris, agashimwe k’isanamu nziza «meilleur clip» ko muri Bénin, agashimwe k’umuririmvyi w’umugabo yitiriwe umwaka « Artiste masculin de l’année ».
Mu mwaka w’2012, yahawe agashimwe ka "Best Soukous Entertainer" yaherewe muri Amerika hamwe na «meilleur artiste d’Afrique centrale» yakuye muri KORA AWARDS. Mu mwaka w’2014 yari mu kibanza ca 6 mu baririmvyi batunze. Ubutunzi bwiwe bwaharurwa mu miriyoni 6 z’amadorari inyuma y’imyaka 8 atanguye kuririmba.
2) Davido (Nigeriya)
Azwi cane kubera yashoboye gusubiza iteka umuziki kavukire wo mu gihgu ciwe ca Nigeriya. Indirimbo ziwe zikozwe mu mudiho wa "Afrobeat" zatumye akundwa cane n’abandi baririmvyi b’inararibonye nka D’banj D’Jazzy, Naeto C na Lynxxx hamwe n’abandi bo mu runganwe nka Wizkid na Ice Prince bakoranye indirimbo (collaborations).
3) Yemi Alade (Nigeriya)
Yemi Alade yabaye muri bake b’igitsina gore bo muri runo runganywe bashoboye gushika ku rugero agezeko. Ururirimbo «Johnny»rwatumye amenyekana cane, aho rumaze kurabwa n’abantu benshi kuri youtube.
4) Arafat DJ(Côte d’Ivoire)
Kuva asohoye uriririmbo rwa mbere yise« DJ Jonathan», uwo muririmvyi wo muri Cote d’Ivoire yaciye aba rurangiranwa muri ico gihugu. Eka n’izindi nka «attalakus » zaratumye ashika ku rwego rukomeye.
5) P-Square (Nigeriya)
Paul na Peter ni abaririmvyi kandi ni amahasa ari naho havuye iryo ritazirano P-Square. Bagiye ku rutonde rw’abaririmvyi ba mbere bumvirizwa cane mu yindi migabane y’isi kuva mu mwaka w’2004. Mu mwaka w’2001, batanguye kuja mu mahiganwa. Ico gihe baciye batangura kumenyeka, maze baca bafatwa mu mugongo na Akon mu mwaka w’2011 biciye muri "studio" yiwe yitwa K.Muzik. Mu mwaka w’2014, ururirimbo "Shekini" rwaramenyekaye cane gushika aho rururabwa n’abagera ku miriyoni 7.
6) Tiwa Savage(Nigeriya)
Uwo yatanguye kuririmba afise imyaka 16 aho yakunda gusubiramwo indirimbo z’abaririmvyi nka Mary J. Blige, Chaka Khan, Blu Cantrell, Emma Bunton et Ms Dynamite. Tiwa Savage yararirimbanye n’ibihangange mu muziki nka 50Cent. Uwo muririmvyikazi afise ikibanza gikomeye mu muziki kubera ubuhinga bwo kuvanga umuziki kavukire na "pop".
7) Eddy Kenzo (Uganda)
Eddy ari mu baririmvyi bakunzwe cane mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, kumenyekana kwiwe kwatumwe cane cane n’ururirimbo "Sitya Loss". Urwo ruririmbo gushika ubu rumaze kurabwa n’abantu bagera ku miriyoni 9 kuri Youtube
8) Kiff No Beat (Côte d’Ivoire)
Umurwi Kiff No Beat wavutse mu mwaka w’2009, uri mu mirwi ya mbere yamenyekanye cane muri Hip-Hop muri Côte d’Ivoire. Igihe batsinda mw’ihiganwa" Faya Flow" rya hip-hop i Abidjan, izina ry’umurwi wabo ryaramenyekanye cane. Kubera ururirimbo «Tu es dans pain», Kiff No Beat baciye bamenyekana mu bihugu nka Nigeria, Cameroun, Gabon, France, na Amerika.
9) Flavour( Nigeriya)
Flavour yatanguye avuza igitari mu murwi Enugu, mu nyuma yahavuye nawe atangura kuririmba. Inkurikirane 3 amaze gushira ahabona «N’abania», «Uplifted», «Blessed» zasohotse mu myaka y’2005, 2010 na 2012 zatumye akundwa cane muri Nigeriya eka no mu bindi bice vy’isi.
10) Toofan (Togo)
Toofan ni umurwi ugizwe n’abahungu 2 : Fatowou Kossivi azwi kw’izina rya Master Just Fatowou Kossivi, na Blaise Mensah azwi nka Barabas. Uwo murwi wabayeho kuva mu mwaka w’2005 aho bazunguruka isi basigura «cool-catché». Uno mwaka w’2015, Toofan bakoze uririmbo ruhayagiza inkino za CAN.
Abo baririmvyi bashizwe ku rutonde bashitse kuri urwo rugero kubera bagumanye akaranga k’umuziki ndangakaranga ko muri Afrika.
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Mukakaro 2015, 15:20, par shurwe
Umuririmvyi arafise uburenganzira bwokerekana aho ahengamiye muvya politique haba migihugu ciwe cank ahandi khadja nin? I like toofan.
9 Ruhuhuma 2017, 14:04, par Irakoze Merthus
None Eddy Kezo Numuririvyi Mwiza Kandi Aririmba Neza Cane.Jewe Ico Nashaka Nagomba Azoze Muburundi Tumubone Kandi Aturamutse.
18 Ruhuhuma 2017, 08:00, par Jean Marie
Nshaka Video Ya Diamond Wasafi
22 Ruhuhuma 2017, 22:10, par JOHN FAYA
EGONIVYO DIAMOND YOBAMWO
22 Ruhuhuma 2017, 22:11, par JOHN FAYA
EGONIVYO DIAMOND YOBAMWO
25 Ntwarante 2017, 17:37, par teta
nœ bose nabo muri nigeria ntawo murwanda arimwo
25 Ntwarante 2017, 19:42, par rmy
shaka video ya diamond wasafi
5 Ndamukiza 2017, 18:00, par Nestor
Ko None Uyuwmugabo Yatanguje Kuririmba Akoreshe Igitari Munyuma Aga Tangura Kurimba Kuberiki Yabishobo Ntawamufasha Kuzihingura?
11 Ndamukiza 2017, 20:13, par ALIMACE
Narazi ko Diamond yari kubamwo