Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Urutonde rw’abaririmvyikazi bahembwa neza mu mwaka w’2014
Urutonde rw’abaririmvyikazi bahembwa neza mu mwaka w’2014
jeudi 18 Kigarama 2014
Ikinyamakuru Forbes cakoze urutonde rw’abaririmvyikazi bahembwa neza muri uyu mwaka w’2014 casanze umuririmvyikazi Beyonce ari we aza imbere ya bose n’amahera angana imiriyoni 115 z’amadorari (115$).
Nk’uko ico kinyamakuru gitangaza urutonde rw’abaririmvyikazi, bivugwa ko mukurukora bisunze amahera abo baririmvyikazi bakuye mu biteramo bagiye bakora, idandazwa ry’indirimbo zabo, hamwe n’ibikorwa vyo gutangaza ibidandazwa(Publicite de marques).
Umuririmvyikazi Beyonce akaba ari we vyibonekeje ko ahembwa neza muri uyu mwaka kubera ibiteramo vyinshi yagiye aragira hirya no hino. Ico kinyamakuru kirongera kikavuga ko Beyonce yagize ibiteramo 95 muri uyu mwaka, arivyo vyamuzaniye amahera, tutibagiye n’idandazwa ry’inkurikirane (albums) yiwe yagiye arakora.
Amahera bahembwa aharurwa mu madoari. Urwo rutonde rw’abaririmvyikazi bahembwa neza rukaba rukurikirana gutya :
1. Beyonce: 115millions $
2. Taylor Swift: 64millions $
3. Pink:52millions $
4. Rihanna: 48millions $
5. Katy Perry:40 millions $
6. Jennifer Lopez: 37millions $
7. Miley Cyrus: 63millions $
8. Celine Dion: 36millions $
9. Lady Gaga: 33millions $
10. Britney Spears: 20millions $
Lorene Nubwabo
Messages
18 Kigarama 2014, 23:16, par joshuah
hahahahaha.amafranga utagira ubugingo ni ubusa gusa.ikigira ikimazi ni ukugira yesukristo mumutima
19 Kigarama 2014, 20:01, par mvuzo
None nkuyu mwagize uwi 7 kwarusha amahera uwa 3 ? Canke mwihenze kubitondeka