Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rwagirijwe gukoresha imyimenyerezo ya gisirikare Abarundi
Urwanda rwagirijwe gukoresha imyimenyerezo ya gisirikare Abarundi
vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par
Inyandiko zo mw’ibanga z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zagiriza Urwanda kwinjiza no kwigisha mu bagwanyi impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda, mu ntumbero yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Mu kiganiro umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yatanze kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko Uburundi bufise ivyemezo vyose, kandi babishikirije inama y’umukutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Amakuru yatanzwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters avuga ko izo nyigisho zitangirwa mw’ikambi iri mw’ishamba mu gihugu c’Urwanda.
Abo bahinga bemeza muri ico cegeranyo ko bavuganye n’abarwanyi 18 b’abarundi, mu buseruko bw’intara ya Kivu yo mu Bumanuko, mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bose bakaba babwiye uwo mugwi ko binjijwe mu barwanyi bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, mu buseruko bw’Urwanda mu kwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu mu mwaka 2015, baca bigishwa igisirikare amezi abiri, kandi mu babigisha hakaba harimwo abasirikare b’Urwanda.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko Uburundi bufise ivyemezo vyose ko Urwanda rufise uruhara mu ntureka zibera mu Burundi, akavuga ko n’ivyemezo vyose Uburundi bwamaze kubishikiriza inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ku ruhande rw’Urwanda, umushikiranganji w’imigenderanire w’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko amatati ari mu Burundi akomeye, kandi ko abategetsi b’Uburundi babivuga uko bashatse, agasaba amakungu ko yokwitaho ico kibazo vyihuta, kuko arivyo vyoba vyiza.
Kubw’umushikiranganji Louise Mushikiwabo, kwitaho ko abarundi boryama bagasinzira nico gikwiye kuraza ishinga ONU.
IGIHE
Messages
5 Ruhuhuma 2016, 11:11, par kimana armand
Nta gitangaje na kimwe kirimwo mu gihe hari ayandi ma rapports ONU izi neza avuga ko CNDD-fdd na leta yayo yazanye interahamwe mu Burundi guhera mu mwaka wa 2010. Ubu hoho bari no mu gisirikare n,igipolisi.
Ivyo nivyo bibazo ONU yari ikwiye kwicarira cane ikadukuramwo abo bicanyi b,interahamwe ikanabuza ko hari abarundi baja mu mirwi y,abarwanyi canke ngo batere Burundi. Ntivyoca bituma ubutegetsi bw,uburundi bwigira abatagatifu nk,uko umengo gukorana interahamwe bidahungabanya umutekano w,u Rwanda. Igikenewe muri vyose ni ukwemera ibintu uko biri kugira haboneke umuti.
5 Ruhuhuma 2016, 12:42, par Grace
Nn muvy uwo mushikrangaj w’urwanda yashkirij katabhakany cnk ngavyemez??mbega aribazako abarundi bosinzira murwanda barik barigisha abahunz gutera igihugu?harah uruhig rwobahindukirira mukabibigish bagatera mwebw
5 Ruhuhuma 2016, 12:46, par eric
ikibazo cuburundi se kirabaraba? mugitorera inyoshu mukwigisha nuguha abana bacu amagrenade!! bizabaherana ka kadaffi
5 Ruhuhuma 2016, 13:38, par ketiyo
ONU yateguye ihonyabwoko mu Burundi none kugire bahume amaso abantu bariko babita ku Rwanda. NKURUMBI yirirwa arica abantu ariko ntiyurumva hari ico ONU yavuze, canke ngo bavuge interahamwe ziri mu Burundi. ONU ni abicanyi
5 Ruhuhuma 2016, 13:50, par Kimana armand
Ikibazo C uburundi coreka kubaraba gut mugih uburundi bukoresha interahamw mu gutoteza no kugandagura abana b uburundi ndets utibagiy n,abanyagihugu B,abanyarwanda baba mu Burundi. Aho harimwo ikintu kigoy gutahura. Ikindi naco novuga ko abana b,uburundi bariko bicwa bunyamaswa batwarwa n umwiheburo bakavuga bati dutegerezwa kwikingira. FDD yatanguy gut?
5 Ruhuhuma 2016, 17:58, par moon
nothingelse left except fustigating for rwanda from ONU.we plead this last one to consider burundian declarations.
5 Ruhuhuma 2016, 21:46, par MAHORO.
HA NDAMBE MBONE! KARASHIZ INGANI ABAVUKA BICANE?MANA GIRA ICO UKOZE.
5 Ruhuhuma 2016, 23:00, par Humura Burundi
Sinda Bitweze Kuberiki? Muraba Igihugucabandi Mbega Ikibanzo,Abarundi Baririmwo Cazanwe Nu Rwanda?Mbege Ni kagame Canke Ni Nkurunziz ??Ateyikibanzo Munyishur!!Kangame Igihuguciwe Ikiratekanye Abarindi Barikobaramfa Mbona Mworaba Ikibozo Iyocataguriy Mureke Amajambo Ntaco Bimanze
6 Ruhuhuma 2016, 08:07, par turaje
ONU ibyanyu turabizi ko aruguteranya gusa 1 mwagize uruhare murwanya M23, 2 FDLR imaze imyaka mwishamba rya Congo yabananije iki? 3 leta yi Burundi yashinjwe cyane gushyira FDLR mungabo no mu gipolice mwabivuzeho wiki? 4 Peter arashinjwa kwica abaturage bakabashyira mu binogo muri gukora iki? rero usibye ubujiji no kubera bibaranga muzaze mu Rwanda mukore itohozwa muriyo camp iri mwishamba batazi izina mwirebere noneho mubone kudedemba dore ko havuze my HE wahagaritse genocide mwebwe nka ONU murebera
NB: gasopo ntimukirirwe mudusakuriza mutureke twiyubakire igihugu kuko aho twagikuye turahazi never ntituzasubira inyuma nundi wese uzifuza kudusubiza aho twavuye tuzamuha isomo nkiryo exfar yabonye, murakoze.
6 Ruhuhuma 2016, 08:39, par onezime
kagame turamwiyamije aragatsindwa
6 Ruhuhuma 2016, 09:00, par Kararumiye@
Nta muntu yiga ivyigisoda amez 2 agaca yiha umurundi arwana na alshabab!barek baz twikorer !abo bos bar murwanda twobah amasah 3 tugac twiruhukir!
6 Ruhuhuma 2016, 14:44, par Methode Ndabahariye
Mbega Ko Bibagira Ayo Umuhari CNDD-FDD Wakoreye Impunzi Mumakambi Ya Mtabila-muyovozi Ayo Uwo Muhari Wakoreye Impuzi Mukubatwara Kurugamba Kunguvu Uwans Akicwa Mugutoza Ibifungurwa Bagaburira Impunzi Bikaja Kugaburirwa Abarwanyi .Impunzi Zamugariye Kurugamba Ziravyibuka Abana Bavanyw Mumashure Bajanwa Kurugamba Tanzania Irorera .Ariko Ubutegetsi Bwariho Ico Gihe Bwarigumije Ntibwifatiye Mugahanga Ibihugu Bibanyi N,ibihugu Rutura .Nifate Runtu Ko Yisinye Urugamba Nagumy Ururimi Ibihugu Bibanyi Tuzobikenera .
6 Ruhuhuma 2016, 23:06, par Niyokindi Severin
Urwanda Nirutuveko Kuko Twebwe Turatuje Muburundi Gusa Bamenyeko Ivyo Bigwanisho Baguma Barungika Tubifata Vyose Kand Natwe Umusi Twashavuye Tuzinjira Atacamira Kwoga Turabizi Ntabwato Tuzokenera.
8 Ruhuhuma 2016, 18:54, par gakwerere
Mwabarundi MWe,mwuve neza kandi musobanukirwe.muri.kwicana cyane mwebwe ubwanyu pee.none mutangiye gutandukira urwanda muvuga ibyo mwishakiye ko mwanatera urwanda mwambuka ntabwato mukoresheje mwibagirwe ibwa mugupfa irara munyana mukomeze musakuze.urwanda ntiruteze gusubira inyuma ngaho muzagerageze turebe filme hariya twenty sukurwana nukwifotoza inks Rambo.ariko ntitubifuriza into kuko uburundi turabukunda pee
6 Ntwarante 2016, 12:31, par rusakumba
ugwandakogwatubujijamahoro,umukuruwigihugu.cuburundinatureketujeguhigabobagwanyimurikongo.bihimbetubasangemugwanda.