Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rwiyamirije ivyo rwasabwe na ICC ko Omar Al Bashir yofatwa
Urwanda rwiyamirije ivyo rwasabwe na ICC ko Omar Al Bashir yofatwa
jeudi 14 Mukakaro 2016, par
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko mu minsi ibiri iheze, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasavye Urwanda guta muri yompi umukuru w’igihugu wa Sudani Omar Al Bashir, ariko Urwanda rukavuga ko rwimye amatwi ivyo rwasabwe.
Inama ya 27 y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yatanguye i Kigali kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 18 Mukakaro 2016, umukuru w’igihugu Omar Al Bashir akaba ari mubamaze kwemeza ko bazoba bari muri iyo nama.
Kuva kuwa 17 gushika kuwa 18 Mukakaro, niho hategerejwe inama yaguye y’ubumwe bwa Afrika, izitabirwa n’abakuru b’ibihugu n’ama Reta, abahoze ari abakuru b’ibihugu, abaserukira iryo shirahamwe hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ayandi makungu.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yavuze ko Urwanda ata burenganzira rufise rwo gufata umukuru w’igihugu Bashir. Yagize ati : “Ni ikibazo cyoroshye, U Rwanda rwakiriye abayobozi ba Afurika batumiwe na AU, kandi umuntu wese watumiwe azaba ari hano i Kigali, ahawe ikaze kandi azarindwa n’iki gihugu. Perezida Bashir ni umuyobozi w’igihugu cya Afurika, yaratumiwe kandi ashobora kuza muri iyi nama. Nk’igihugu cyakiriye tuzakira uwo ari we wese. Icya kabiri, u Rwanda ntirwasinye ku masezerano ya Roma, bityo nta burenganzira rufite bwo kugira ngo rute muri yombi umuntu uwo ariwe wese ariko ubusabe bwa ICC kuri guverinoma y’u Rwanda mu minsi ibiri ishize, twabufashe nk’ubushaka kuturangaza kandi twari duhuze cyane ku buryo tutari kubona umwanya w’ibyo bintu."
- Louise MUSHIKIWABO, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu
Umukuru w’igihugu Omar Al Bashir aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC), akaba yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara, ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ihonyabwoko ryakorewe mu gace ka Darfur kuva mu mwaka w’2003.
IGIHE
Messages
14 Mukakaro 2016, 13:21, par Afrika
Umwicanyi ntafata uwundi
14 Mukakaro 2016, 13:49, par INTAGOHEKA
AHUBWO NABO BAZUNGU NABATURUBURE NIBAREKE ABANYAFRIKA TWIDENGEVYE UKO DUSHAKA KUKO NTAGUTWARIRA KUBWOBA MURACISHAGACE NYENICUBAHIRO NKURUNZIZA NIWE YABABWIY ATI NTIBISHO NATW ABAGUMYABANGA DUTI KOMERAMUTAMA
14 Mukakaro 2016, 13:51, par INTAGOHEKA
AHUBWO NABO BAZUNGU NABATURUBURE NIBAREKE ABANYAFRIKA TWIDENGEVYE UKO DUSHAKA KUKO NTAGUTWARIRA KUBWOBA MURACISHAGACE NYENICUBAHIRO NKURUNZIZA NIWE YABABWIY ATI NTIBISHO NATW ABAGUMYABANGA DUTI KOMERAMUTAMA
15 Mukakaro 2016, 03:25, par tari
Uko nugukingiranira ikibaba kubera mwese muri abanyamafuti ugira igihe ibihugu vy’africa vyashira igikumu kwitegeko rishinga iyo sentare nabwenge vyagira canke ntibaribazi ico biyemeje umugabo yihindukiza mukirago ntiyihindukiza mwijambo nimukore ico mwiyemeje canke muhanure uwuronderwa yishikane imbere yiyo sentare niyaba ataco yiyagiriza nkuko perezida wa kenya nicegera ciwe babigize
Kuko iyo sentare ntirenganya nivyo mwiboneye imaze kubonako ataco bagira yarabajeje none nawe niyaba ataco yiyagiriza niyemere ayitabe kandi namwe muyifashe kuko ivyo mwaravyemeranije birazwi ko abategetsi bafirika mukingiranira ikibaba kuko mwese murikimwe muguhohotora agateka kazina muntu
16 Mukakaro 2016, 06:36, par Morodikayi Jon
Muhere kuri Nkurunziza nabamushigikiye mukwica abenigihugu,niho muzoba muri mukuri.