Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwanda rwiyamirije ivyo rwasabwe na ICC ko Omar Al Bashir yofatwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rwiyamirije ivyo rwasabwe na ICC ko Omar Al Bashir yofatwa

Urwanda rwiyamirije ivyo rwasabwe na ICC ko Omar Al Bashir yofatwa

jeudi 14 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko mu minsi ibiri iheze, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasavye Urwanda guta muri yompi umukuru w’igihugu wa Sudani Omar Al Bashir, ariko Urwanda rukavuga ko rwimye amatwi ivyo rwasabwe.

Inama ya 27 y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yatanguye i Kigali kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 18 Mukakaro 2016, umukuru w’igihugu Omar Al Bashir akaba ari mubamaze kwemeza ko bazoba bari muri iyo nama.

Kuva kuwa 17 gushika kuwa 18 Mukakaro, niho hategerejwe inama yaguye y’ubumwe bwa Afrika, izitabirwa n’abakuru b’ibihugu n’ama Reta, abahoze ari abakuru b’ibihugu, abaserukira iryo shirahamwe hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ayandi makungu.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yavuze ko Urwanda ata burenganzira rufise rwo gufata umukuru w’igihugu Bashir. Yagize ati : “Ni ikibazo cyoroshye, U Rwanda rwakiriye abayobozi ba Afurika batumiwe na AU, kandi umuntu wese watumiwe azaba ari hano i Kigali, ahawe ikaze kandi azarindwa n’iki gihugu. Perezida Bashir ni umuyobozi w’igihugu cya Afurika, yaratumiwe kandi ashobora kuza muri iyi nama. Nk’igihugu cyakiriye tuzakira uwo ari we wese. Icya kabiri, u Rwanda ntirwasinye ku masezerano ya Roma, bityo nta burenganzira rufite bwo kugira ngo rute muri yombi umuntu uwo ariwe wese ariko ubusabe bwa ICC kuri guverinoma y’u Rwanda mu minsi ibiri ishize, twabufashe nk’ubushaka kuturangaza kandi twari duhuze cyane ku buryo tutari kubona umwanya w’ibyo bintu."

JPEG - 221.5 ko
Louise MUSHIKIWABO, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu

Umukuru w’igihugu Omar Al Bashir aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC), akaba yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara, ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ihonyabwoko ryakorewe mu gace ka Darfur kuva mu mwaka w’2003.


IGIHE

Messages

  • Umwicanyi ntafata uwundi

  • AHUBWO NABO BAZUNGU NABATURUBURE NIBAREKE ABANYAFRIKA TWIDENGEVYE UKO DUSHAKA KUKO NTAGUTWARIRA KUBWOBA MURACISHAGACE NYENICUBAHIRO NKURUNZIZA NIWE YABABWIY ATI NTIBISHO NATW ABAGUMYABANGA DUTI KOMERAMUTAMA

  • AHUBWO NABO BAZUNGU NABATURUBURE NIBAREKE ABANYAFRIKA TWIDENGEVYE UKO DUSHAKA KUKO NTAGUTWARIRA KUBWOBA MURACISHAGACE NYENICUBAHIRO NKURUNZIZA NIWE YABABWIY ATI NTIBISHO NATW ABAGUMYABANGA DUTI KOMERAMUTAMA

  • Uko nugukingiranira ikibaba kubera mwese muri abanyamafuti ugira igihe ibihugu vy’africa vyashira igikumu kwitegeko rishinga iyo sentare nabwenge vyagira canke ntibaribazi ico biyemeje umugabo yihindukiza mukirago ntiyihindukiza mwijambo nimukore ico mwiyemeje canke muhanure uwuronderwa yishikane imbere yiyo sentare niyaba ataco yiyagiriza nkuko perezida wa kenya nicegera ciwe babigize
    Kuko iyo sentare ntirenganya nivyo mwiboneye imaze kubonako ataco bagira yarabajeje none nawe niyaba ataco yiyagiriza niyemere ayitabe kandi namwe muyifashe kuko ivyo mwaravyemeranije birazwi ko abategetsi bafirika mukingiranira ikibaba kuko mwese murikimwe muguhohotora agateka kazina muntu

  • Muhere kuri Nkurunziza nabamushigikiye mukwica abenigihugu,niho muzoba muri mukuri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.