Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urwaruka ruryana rupfa imigambwe ruhamagarirwa kwijukira inkino
Urwaruka ruryana rupfa imigambwe ruhamagarirwa kwijukira inkino
lundi 25 Myandagaro 2014
Inkino ni kimwe mu bitsimbataza amahoro n’umutekano, bigakomeza urukundo, ndetse abantu bagakomeza imigenderanire, na rirya Uburundi bwamaze imyaka n’imyaka buri mu ndyane nk’uko musitanteri wa komine Bugarama yabibwiye ikinyamakuru IGIHE.

Joachin Manirakiza musitanteri wa komine ya Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura, akaba yavuze ivyo inyuma y’urukino rwahuje iyo komine na komine ya Rumonge iri mu ntara ya Bururi mu nkino za kivandimwe, aho izo komine ukwo ari zibiri zari zaserukiwe n’imirwi Magara Star FC wo muri komine ya Bugarama na Etoile du Lac wo mu Kizuka komine ya Rumonge. Muri urwo rukino rwari rubereye ijisho rwitabwe n’abantu isinzi bavuye muri izo ntara zibiri Bururi na Bujumbura, umurwi Magara Star FC ukaba watsinze ibitsindo bitatu vyose ku busa bwa Etoile du Lac. Igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 41 w’igice ca mbere cinjijwe na nomero indwi wa Magara Star FC yitwa Dideth nayo ibitsindo bibiri bindi vyinjira ku munota wa 81 n’uwa 87.
N’umunezero mwinshi, umukuru w’umurwi Magara Star FC Désiré Manirakiza akaba yavuze ko umurwi arongoye usanzwe wigenza neza cane mu mupira w’amaguru, aho mu nkino zose y’aba iz’amahiganwa canke iza kivandimwe utaratsindwa na rimwe. Asaba urundi rwaruka gushigikira inkino mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro, aho kwumva mu zindi ntara hama havurwa abaryana bapfa imigambwe.
Mwomenya ko yaba uwari yaherekeje umurwi Etoile du Lac wo mu Kizuka komine ya Rumonge canke bamwe mu barorerezi, bamenyesheje ko inkino ziri mu vyatumye abanyagihugu bo muri izo komine zibiri cane cane urwaruka, babana neza, atawandya wangura. Urwaruka ruhurikiye mu migambwe yose, rukaba ruhurira ku kibuga rugakina umupira, bukeye umwe wese akaja mu bikorwa vyiwe. Ariko naho bikiri uko, bakaba basaba ubushikiranganji bw’inkino urwaruka n’imico kama kubafashisha uburyo bwotuma nabo baronka ikibuga c’umupira w’amaguru, kuko ico basanzwe bafise i Magara imvura iguye amazi yose aca acuzura.






Aristide Nizigire