Accueil > Inkino > FOOTBALL > "Urwaruka rw’Uburundi rurafise impano z’ugukina neza umupira w’amaguru"
"Urwaruka rw’Uburundi rurafise impano z’ugukina neza umupira w’amaguru"
mercredi 4 Ruheshi 2014
Umurwi w’umupira w’amaguru wa Magara Star FC kuva utanguye kw‘igenekerezo rya 31 Ntwarante uwu mwaka, ugeze ku ntambwe ishimishije kuko utaratsindwa na rimwe mu nkino zitandatu umaze gukina.
Mu kiganiro uwatanguje uwo murwi yahaye ikinyamakuru IGIHE, John Clinton Nsengiyumva amenyesha ko mu nkino zishika zitandatu zimaze gukinwa na Magara Star FC kuva muri Ntwarante gushika mu ntango za Ruheshi 2014, bamaze gutsinda inkino zitanu nayo urukino rumwe bakaba baranganije. Kuri uwu wa 8 Ruheshi, uwo murwi ukaba uzokina urukino rwa nyuma mu murwi A basanzwe barimwo, nibatsinda, bakaba bazoca barindira guhura n’umurwi uri muri B uzoba watsinze, mu rukino rwa nyuma.
Twobamenyesha ko uwo murwi wa Magara Star FC watanguye mu ntumbero yo mu mugambi wo gushigikira inkino z’umupira w’amaguru, biciye muri Fondation Nsengiyumva Global Development, irongowe na John Clinton Nsengiyumva. Nsengiyumva akemeza ko kuva uwo murwi utanguye, yagiye arabona urwaruka rwo hagati mu gihugu c’Uburundi ko hari impano z’ugukina umupira neza, ariko ugasanga ntabashotse babibona, impano z’urwo rwaruka ugasanga ntakamaro zimariye igihugu na nyenezo, kuko baba batashoboye kuronka aho bazerekanira.
Uwo murwi wa Magar Star FC ukaba umaze n’ugutera imbere mu buhinga bwa none nk’uko tubandanya tubishikirizwa n’uwawutanguje, kuko ufise umuhora w’urubuga ngurukanabumenyi, ari naco gituma abo kwipfuza kuwushigikira canke kumenya amakuru menshi kuri wo, bashobora kuyasanga kuri www.MagaraStarFC.com canke bakaja kumuhora wabo www.umugenzi.com/magarastarfc co kimwe no kuri www.facebook.com/magarastarfc.
Aristide Nizigire
Messages
4 Ruheshi 2014, 10:33, par Bifaranga
Tora mutama Rwasa tubereke erega aho BA DD ntaco bababaye erega aho bans nibo twari dukwiyye gushira imbere bakexposa talents zabo,ariko nejo aho Rwasa buca atwarira igihugu I can ensure you tuzobereka mu ma secteurs yose y’igihugu ko tuzokora bigashimwa,viva fnl viva,viva Rwasa viva!!!
4 Ruheshi 2014, 12:15, par NKESHIMANA
Detrompes toi! aho uraja ngaho ukiyumvirako Rwasa ashobora kuzotwara igihugu c’Uburundi? never !be sure that his enable this is a truth we have many examples we will never be Governed By Aghaton ntawuzemera kumutora nimba wishimiye gusomeza ndakurahiye uzorumanga
4 Ndamukiza 2016, 19:50, par ndikuriyo dieudonné
agateka kugihugu cabibarutse ,agateka kubavyeyi babo ,bandaye muteturure akarere kanye murakoze.
23 Myandagaro 2018, 15:21, par INTEYITEKA BLAISE
Andika hano