IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rwa ADC Ikibiri ruragabisha umurwi CENI

Urwaruka rwa ADC Ikibiri ruragabisha umurwi CENI

jeudi 20 Munyonyo 2014

Urwaruka ruhurikiye mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ruratewe amakenga n’umutekano muke wibonekeza mu gihe hasigaye amezi atandatu gusa amatora agatangura mu Burundi. Urwo rwaruka rumenyesha ko amatora yizewe adashoboka "urwaruka rw’Imbonerakure rutarakwa ibirwanisho rufise."

Nk’uko bishikirizwa na Patrice Gahungu kw’izina ry’urwaruka ruhurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, amatora meza arangwa n’ukudatera ubwoba abatavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’ukwubahiriza amategeko. Ariko rero, mu runani rw’iyo migambwe yo muri ADC Ikibiri babona ko amatora ashobora kutazoba ku mugaragaro, bakagira amakenga ko Uburundi bushobora gusubira mu mutekano muke n’ubwicanyi nk’ivyibonekeje inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010.

JPEG - 50 ko
Patrice Gahungu (hagati), aserukira urwaruka rwa ADC Ikibiri

Urwo rwaruka rumenyesha ko rwiteguriye kwicungerera umutekano, rugasaba umurwi CENI utegura amatora ko wokwikebuka, ukareka gukora nk’uwukorera umugambwe umwe gusa CNDD FDD uri ku butegetsi. Ubutungane bw’Uburundi nabwo busabwa ko bworekura abapfunzwe bagirizwa imvo za poritike, abanyeporitike bariko barakurikiranwa mu butungane bigahagarara, kugira n’abakuru b’imigambwe bari mu buhungiro bashobore gutahuka kwitegurira amatora.

Patrice Gahungu, kw’izina ry’urwo rwaruka ruhurikiye muri ADC Ikibiri, avuga ko hatararengerana ko umurwi utegura amatora CENI wisubirako, utegure amatora azohuza bose mu bwigenge. Mu gihe CENI yokwirengagiza ako kamo k’urwo rwaruka, Patrice Gahungu amenyesha ko biteguriye gukora ibishoboka vyose barekurirwa n’amategeko, akavuga mbere ko hari hakenewe ibiganiro vy’ukurabira hamwe ingene icuka coba ciza mu matora Uburundi bwimirije mu 2015.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nimbe mugikunda icabibarutse "BURUNDI", ntimukamire mucoze ngo harinde gushika ivyabereye mure Burkina Faso nahubundi le changement brutal est fort possible vue les réactions aussi brutales qui caractérisent nos frères au pouvoir. Rappelez-vous que la liberte des uns se limitent où comment celles des autres. Agahimbo kabamwe kama kangana n’inzara y’abandi. Mana tugarukira ntidusubire mumarira nkayo twabayemwo Kubera abatahura ingendo ya démocratie. Amen.

  • BAVUKANYI PFA KWIHANGANA GATO GUSA KUKO MUMISI MIKEYA ABA DD BONYENE BAGIYE GUSUBIRANAMWO.KUJA KUMA LISTES BIZOBASAMBURA NUKURI.
    RINDIRA GATO GUSA MUZOBONA AKAYAGWA.KIMWE BARASHOBORA KURONDERA UKUNTU BO BAPROVOQUANT KUGIRA MUGIRE AKAJAGARI HAMA BARONKE ICO BITWAZA MUKWEREKANAKO AMATORA YANSWE NA ADC.

  • MUKINDA MUGARAMYE, MUKINDA MWUBAMYE AMATORA AZOGENDA NEZA CANE. NAYO UWUZOWATSA BAZOWUMUZIMIRIZAKO, AKARORERO SAKAKERA MURABAZA SINDUHIJE YAWUCANIYE MUKINANIRA YEMEZA KO WAKA GUSHIKA KURI PLACE DE L’INDEPANDANCE HIHIHIHIHIHIIIII BAWUMUJIMIRIJEKO MUKINANIRA NYENE ATANINTAMBWE NIMWE ATEYE. MURAMUBAZA INGENE YASOHOTSE MU KINANIRA HAHAHAHAHAAAA.

  • Komera turabashingikiye ,nayo izombonera kure tuzohaganwa nabo kushika tubomoye.Ubuhingaturabuzi

  • Murahumbabasha mbemwibaza twebwe urundirwaruka rutari muri ADC canke muri DD tuzobareka mwikorere ivyomwishakiye turebera? Ivyomwiyumvira nukwijendagukomeye nkukwabaye kuwiyumviriye kwica nyakwigendera prezida Ndadaye, urazimwihenze mukavyira akajagari ivyagomwobona kobirwnze ivyomurimwo kuruyumwanya murikomiravuga? Mbetweho tubaretse mukikoza ivyomwishakiye mwibaza kotwoharonkera amahoro? Twebwe bitebebitebuke tuzoshikira intebeyogutegeka ariko atarimwenivyovyanyu vyinguvu.

  • Mukinda mugaramye amatora azogenda neza.Nimwateza intambara izoherera mungo zanyu.Mwebwe aho kuvuga imigambi mufitiye abenegihugu raba imyaka itanu iheze muguma muvuga amatora ya 2010 hama mwatsindwa ngo ni ibindi!

  • Uwo mutekano muvuga muzokwicungerera nukuvugako fise ibirwanisho koko abacungera umutekano turaziko ari abasoda hamwe nabapolisiabwo abanyagihugu nugufashapce kwerekana aho inkozi zikibi nkamwe ziri.mufiseibirwanisho bingana gute vyo cucunga no guhungabanya umutekeno?

  • aba DD§§§§§§§§§§§§§§§§§§§§§§§§

  • Nimba ukwomwifuza mubonarikwo kuzobafasha gutsinda amatora nimubitangure ubunyene mudahava mucererwa, ariko nubwobamwe muhavamwibaza ngoniterabwoba hariho intunkabitatu nobabwira nizeye kovyovyo arikashi muzazobibura, icambere Mpimba murayifata kabiri animatere wanyu Alexis Sinduhije inzirayaciyemwo nizere Ko yahejeje kuyibabwiraneza, icagatatu nizereko abomuzohanga kuvamumwaka wa 2010 nacumi bakomejekubarindira muwatse mazebawubazimirizeko nababanyibanyu bavyibonere ukubtubawubazimirizako utarabashikira, shirakorero maze Sinduhije ahoyibereye iburaya yirebere ukomufata igihugu ca Mpimba abasondanabo bakurubakuru bigihuvu ca Mpimba Sinduhije yaramaze kubarungikayo ariko aracarondera abandibeshi cane nizereko namwemugeze mwicogihugu ca Mpimba igitigiri ashaka cabacungera imgihugu ca Mpimba kizocagikwira.

  • Ayo magambo y’aba DD birigwa baradahwa ngo :"mukinda mugaramye" bameny ko atari ijambo ry’Imana,uwabivuze ni umuntu si Imana,nico gituma mwebwe ba DD mwokwikuramwo mwiyo mitwe yanyu ivyo vyiyumviro ngo Prezida yavuze uku,ngo bizogenda uku,mumenye ko Prezida atavugishwa n’Imana kand nawe ivyo avuga biba ari ivyifuzo vyiwe. Gusa sindababesha,SHIRIRA isigaye kumutwe nk’ikiyiko,kuko biragaragara ko mwivye amatora muri 2010.Kuko yaba yarya majwi mwatangaje(65%)ariyo mwaronse,ntimuba mufise ubwoba kugeza aho mubuza abitoza kuzokwitoza,mbere mukanababuza kwigisha kugira mukore mwenyene,ivyo rero biragaragara ko mufise ico mwiyagiriza ko mutasinze amatora.

  • NONEHO NTACO MUCAMBARIYE MWAMAZE KWIVUGA ABORIBO. MUGIHE MUVUGA KO MUZOKORA IBISHOKA VYO SE MUKICUNGERERA UMUTEKANO, NUKUVUGAKO INZEGO ZIJWEJWE UMUTEKANO MUTAZIZEYE.MWIHAYE ICOGIKORWA BIRUMVIKANA KO MUFISE INKOHO. AHUBWO NABIMWE BIMAZE IMINSIBIVUGWA.TURAMENYE ABABIKORA. MURISHIZE AHABONA.KANDI TURAMENYE NABITEGUYE GUTOBA AMATORA.ahokuja kumaradiyo nibimenyesha makuru mubwira abanyagihugu imigambi mufise yiterambere muzobakorera! kugira babizere babatore.? none mutumenyesheje ingene muzotoba amatora? murihenze noneho murabitovye kuko ntabantu bovuga amajambonkayo. twotora ngobagire ico bomarira igihugu, nayo umutekano ufise benewo bavyigiye. nimwawutoba muzobibona murabaza sinduhije yabipimye cabamwe barimumpimba eeee

  • Vyose Nushira Imbere Imana Twizere Bizogenda Neza

  • @ Matana, iyumuntu yiba agira uwabayivye, none wotubwira uwobivye amajwi? Kuko ahubonavyaratunaniye gutahura, Agathon ngoba yivye amajwi Ngo.bandakiramutswa, Leonce, Mugwengezo, Sinduhije, umwewese Ngo amwivye amajwi! Narikuvugako amanwibayivye ADC nonenticaribwacuke, none umwumwewese koyiruka avugango baranuivye amajwi ivyobintu kubona bizigera biborohera gusigura kiretse kwerekana ubutavondwa bwanyugusa?

  • Komera rwaruka rwa ADC nurundi rwaruka rutari mumigambwe tubarinyumaabarundi turiteguye guhindura ibintu kugira abasuma na bicanyi biganziye ubutegetsi tubatuze izombonerakure nazo za Rukoti umuti wazo ugiye kuvugutirwa abajeje umutekano batabikoze twebwe uryaruka tuzovyikorera kuko vyarengeranye CENI nayoitisubiyeko tuzoyifatira ingingo tuyiyamirize ijene ne DD yawo kuko Ndayicariye ntawuytazi kwarumu DD rero atisubiyeko ngo bategure amatora ahuza bose bigiye kumukomerana

  • Vyabananiye kwitaba amatora muriko mugira ivyo mugabisha ngaho! Ni mutekereze mureke abashaka kuyajamwo bayajemwo

  • Ariko ababa DD bandika ngaha ,mumitwe haragogoye???muribaza ko ugwaruka gwa ADC gwotangura kwirarira ?ko zabonerakure zanyu hari 10minute zamara??????yaaayaa mwahora mubona abAntu banumye mukibaza ngo murakomeye???reka ndababwire mwaba DD na ceni yanyu mutikebutse turababoha???hanyuma amAtora tuyitegurire duce tubabohora???police yanyu nayo ikasubira kurasa numwe ???aba DD mucemuhuga igihugu,kuko sinibaza ko1umunuta (urakwiye) imisiyanyu yAshitse?imisiyigisuma ni 40 nta ibaho

  • Muvyukuri turifuza aba dd ko batosubira kudutwara honyene ubu tubayeho nkabafunzwe nta kwidegemvya nagato Imana idufashe kuko aho duherreye bariteguye kwiba amatora Mana tabar’uburundi.

  • aba dd mwarakoze umurimo ukomeye cane mwadukuyeko intwaro yubwoko bumwe ico nobasaba nuko mutokonona umugabwe wanyu ngo mugumizeho nkurunziza shaka uwundi mukandida tuzo mutora pee!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.