Accueil > Poritike > Imigambwe > Urwaruka rwa FRODEBU rugiye kwitwarira Isidore Rufyikiri mu (...)
Urwaruka rwa FRODEBU rugiye kwitwarira Isidore Rufyikiri mu butungane
vendredi 13 Ntwarante 2015
Urwaruka ruhurikiye mu mugambwe FRODEBU rumenyesha ko rwakiranye umubabaro amajambo yavuzwe na Isidore Rufyikiri, ko Ndadaye ari mubateguye ihonyabwoko mu Burundi.
- atrick Nkurunziza arongoye umuhari w’urwaruka rwa FRDEBU
Urwo rwaruka rukavuga ko rugiye gushengeza umushingwamanza Isidore Rufyikiri mu butungane. Patrick Nkurunziza arongoye umuhari w’urwaruka rwa FRDEBU, asaba ko ivyavuzwe na Isidore Rufyikiri vyoterwa ivyatsi, akavuga ko Ndadaye Melchior ari incungu ya Demokarasi mu Burundi, kandi ko yatewe iryo teka ryo kwitwa iyo ncungu kuko yari abikwiye. Urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU rukabona ko ari nk’ibitutsi, amajambo uwo mushingwamanza yavuze ku ncungu ya demokarasi, Melchior Ndadaye, asanzwe ari no mubatanguje umugambwe FRODEBU.
Ahiwe, umushingwamanza Isidore Rufyikiri, avuga ko atatutse Ndadaye, ahubwo abantu bamwumvise nabi. Avuga ko ivyo yashikirije biri mu cegeranyo c’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, icegeranyo kivuga ko hari abanywanyi umugambwe FRODEBU bateguye bongera bashira mu ngiro umugambi wo kwica abatutsi mu mwaka w’1993 mu Burundi.
Umushingwamanza Isidore Rufyikiri asanzwe yaramenyesheje ko azitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu nk’uwigenga, akaba yagiye arandikwako vyinshi, aho bamwe bawiyamirije, bavuga ko yatutse incungu ya demokarasi mu kiganiro kabizi gica kuri RPA ijwi ry’abanyagihugu.
- Umushingwamanza Isidore Rufyikiri
Aristide Nizigire
Messages
13 Ntwarante 2015, 16:56, par muco
Jewe uwo Rufyikiri numvise ukuntu yisiguye avuga ko atavuze Ndadaye Melchiol ahubwo ko yavuze ko hari abo muri FRODEBU bateguye bagashira mu bikorwa genocide yabaye mu 1993, nibaza ko atihenze! Hari umuntu yarahari ico gihe atabizi? Si aba FRODEBU bose, ariko ababikoze bariho! Uwo Patric Nkurunziza nawe, uwutitwariye abamupfungiye ubusa bakamwagiriza ngo yakoranye n’abarwanyi bateye mu Cibitoke, bakamukura i Bujumbura bakaja kumupfungira mu Cibitoke, ivyo nivyo yokwitwarira?
13 Ntwarante 2015, 17:24, par attention!!!!
Nukuri ndababwiye uwo isidore ni umuntu w’inkozi y’ikibi na kirimi kiwe n’ako gutukana no kuvumana gusa.
Raba, yaranyonyeje amatungo ya Barreau akiyitwara, yarahohoteye aba Avocat batavuga rumwe ndetse bamwe arabafuta mu mwuga bawusubizwamwo n’ubutungane!!!!!!!
Muntu uzotora Uwo musuma isidore, uramenya ko igihugu cacu uzoba uhejeje kugita mumanga!!!!!!!!!!
uwutamuzi azi ngo ni umweranda naho ni isiha mbi!!!!!
ndabagabishije, uwushaka kumpinyuza ni iyegere aba Avocats bakoranye baramuzi ku bubegito bwiwe!!!!!
Ikitavuzwe ni amahera ya Barreau yanyuruza akifatira indege n’abamaraya biwe.
13 Ntwarante 2015, 21:05, par Mahoro
Hubwo uwo Rufyikiri bamwitwarire bivuye inyuma kuko c’est lui le genocidaire. Le Genocide contre les hutus planifie et execute depuis 1965 n’a jamais cesse jusqu’a nos jours. Ce que a dit Rufyikiri c’est le meme discours qui a ete utilise par les tutsis pour relancer leur machine de tuer pour executer froidement les hutus.
13 Ntwarante 2015, 21:58, par Mathy
Uwo ari muri ba bandi umukuru w’igihugu yavuga bari mu runganwe rw’amacakubiri. Ahubwo bamutumeko abazwe! Jewe ndibaza ko aho abarundi tugeze tutoba tucemera gutwarwa n’abantu b’amacakubiri nk’uyo, ahubwo aje kwitwenga nta na 0,000000001 azoronka mu matora!!!!
14 Ntwarante 2015, 00:37, par ###
abarundi sinzi ingwara tugway jew naravyumvise simbona ikosa Umushingwamanza Isidore Rufyikiri yavuzemwo kuko yarabisubiyemwo neza koo arivyo mucegeranyo ca ONU urumva koo atariw yavyanditse yarabisubiyemwo mumvugo gusa merci!!!!
14 Ntwarante 2015, 05:44, par Nuwera
Birababaje! Uwaruka nirworuhagurutse rwonyene kwiyimiriza uwomushinyaguzi? Ntanubwoharihakwiye guhaguruka aba Frodebu gusa icogikorwa urwaruka rwa Frodebu cavuze carikuba icabarundi bose cokwiyabiriza uwomugabo.
16 Ntwarante 2015, 10:26, par samandari
Jewe ndibaza yuko ivyo yavuze kwiradiiyo yabivuze yanekuye akamogi
16 Ntwarante 2015, 15:09, par ukuri
None ga, duhebe twibagire ivyabaye, ko atahonyabwoko ryahabaye muri 1993?? Mbe none, abo bariko barahakana, bosigura gute imipanga yatemye Abatutsi? Bosigura gute irya slogan ya "i niveau ni ugutwi? Bosigura gute irya terme ya "susuruka"? Bosigura gute "isegenya nyamwishi"? Ico co si n’ikirundi mbere !!! none ritateguwe na Ndadaye, uwariwe wese yariteguye ni mu ba frodebu. Aho rero muraja ngaho ngo musamaze abantu ku mabi yakozwe muri iki gihugu?? !!! geza aho ! Mbega harya Chadrack Niyonkuru agenda araramye nk’uko umengo ntacigeze, burya siwe yanditse igitabo citwa "PLAN JUIN"?? Carimwo iki? Cari kigamije iki? Any way, sindi umunyamacakubiri y’amoko, murantunge ariko burya ngo "akabi karavugwa", ndabasavye Barundi benewacu twige kuvugisha ukuri, niho tuzokira tugatera imbere, hanyuma tugateza imbere n’iki gihugu cacu catwibarutse. None sivyo ga yemwe???Ni nk"uko urya mutama Arthemon Simbananiye nawe nyene bitebe bitebuke, azosigura ingene yishe umwana w’umwami Charles Ndizeye, n’iyicwa ry’Abahutu ryakwirikiye!!
16 Ntwarante 2015, 20:30, par Innocent
Isidore yavuze icegeranyo ca ONU kandi na ONU nayo ntiyakoresheje abasazi murico cegeranyo banditse ivyobatohoje,iconzi neza nuko habaye ihonyabwoko rya batutsi 1993 kandi vyateguwe.icontazi nababiteguye.ariko igikuru nuko twomenya kotwese tuva amaraso.ivyabaye ntibigasubire kuko ntanyagupfa nanyagukira.