Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rwaronkejwe inyigisho n’ishirahamwe "FITB" rubona ko ari inzira yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Urwaruka rwaronkejwe inyigisho n’ishirahamwe "FITB" rubona ko ari inzira yo (...)

Urwaruka rwaronkejwe inyigisho n’ishirahamwe "FITB" rubona ko ari inzira yo kuronka akazi

jeudi 31 Mukakaro 2014

Mu ntumbero yo guteza imbere ubuhinga bwa none mu Burundi, abagize ishirahamwe "Forum de l’informatique et de la Technologie de Bujumbura" (FITB), baratunganije inyigisho nkarishabwenge ku rwaruka ryo mu Burundi. Inyuma yo kuronswa impapuro ndangabikorwa, abaronse inyigisho baremeza zizobagirira akamaro mu buzima bwa minsi yose.

Urwaruka rurimwo abahungu n’abakobwa rwararonkejwe inyigisho nkarishabwenge ku bijanye n’ubuhinga bwa none, ivyigwa vyatanzwe n’abagize ishirahamwe "Forum de l’informatique et de la Technologie de Bujumbura" (FITB). Inyigisho zatanzwe ku vyigwa biri imice ine: "Graphisme, Adobe Photoshop, Indesign na Web Design". Ivyo vyigwa vyatanzwe hanini bikoreshwa muma "Imprimerie".

Melance Buregeya, umwe mu batanze inyisho avuga ko ivyigwa vyatanzwe bizokwugurura imigisha yo kuronka akazi kubatagafise, abagafise nabo ni kubongerereza ubumenyi. Melance abandanya avuga ko ivyo vyigwa biri mu bituma ibihugu bitera imbere na rirya mu bihe vya none isi igenda cane ku buhinga bwa none.

JPEG - 2.9 Mo
Buregeya Melance, umwe mubatanze inyigisho

Nibigira Jean Berchmas, umwe mu baronkejwe inyigisho, atangura gushima abatunganije ivyigwa kuko batarihishije amahera. Arashima kandi itorwa ry’ivyigwa kuko bizomufasha kuronka akazi aho hose bosaba uwuzi ibijanye n’ubuhinga bwa none. Berchmas ahanura urwaruka rutashoboye kuja ku rutonde rw’abaronswa inyigisho, kwijukira gusoma ibinyamakuru kuko vyaratangajwe. Ivyigwa vyatanzwe mu minsi ibiri, Jean Berchmas abona ko naho umwanya wabaye muto baronse abigisha karuhariwe kuko bahakuye impamba ihagije.

JPEG - 3.2 Mo
Nibigira J Berchmas, umwe mu baronse inyigisho

Mwomenya ko urwaruka rugera kuri 55 rugizwe n’abahungu n’abakobwa rwaronkejwe inyigisho, abarenga mirongo ine baciye bahabwa impapuro ndangabikorwa (Certificat de Formation). Ishirahamwe "Forum de l’informatique et de la Technologie de Bujumbura" (FITB) rizokwama ritanga ivyigwa nk’ivyo ku mwaka ku mwaka.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.