Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwego CNC ruragabisha abanditsi n’abamenyeshamakuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC ruragabisha abanditsi n’abamenyeshamakuru

Urwego CNC ruragabisha abanditsi n’abamenyeshamakuru

jeudi 5 Kigarama 2013

Muri kino gihe imitwe y’abeshi, na cane cane abanyeporitike isa n’iyashushe mu myiteguro y’imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu runani rugenzura itangazamakuru mu Burundi basaba abanyamakuru kwirinda gukoresha imvugo iturira.

Ikigo kijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru CNC (Conseil National de la Communication ) bavuniye akagohe abamenyeshamakuru. Nk’uko vyamenyeshejwe na Petero Bambasi asanzwe arongoye ico kigo, muri CNC basavye kwirinda gushikiriza imvugo iturira canke inkuru yose igamije guhungabanya umutekano.

JPEG - 25.5 ko
Petero Bambasi, umukuru w’urwego CNC

Mw’itangazo ryasohowe n’ico kigo, bongeye kwibutsa uruhara rw’abamenyeshamakuru. Bashimangiye ku ngingo ya 18 n’iya 19 igenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Ingingo ya 18 n’iya 19 iri mw’itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru ryo kuwa 4 Ruheshi 2013 zimenyesha ko "umumenyeshamakuru ategerezwa kwifata, akareka gushira ahabona inkuru canke ikiganiro gishobora guhungabanya ubumwe bw’abanyagihugu, umutekano, inkuru itosekaza imico n’imigenzo y’abarundi, ubwigenge bw’igihugu, n’ibindi.

Mu ngingo ya 19 igenga uwo mwuga nyene, bavuga ko kizira gushira ahabona ibijanye n’amabanga yerekeye igisirikare ca Reta, amabanga ajanye n’umutekano w’igihugu. Inkuru zose zijanye n’amatangazo atumirira abantu kugumuka nazo nyene kirazira ko zishikirizwa.

Petero Bambasi, umukuru wa CNC (Conseil National de la Communication) yarangije atumirira abamenyeshamakuru kugumya akarangamutima k’uwo mwuga, batange inkuru zinywanisha, birinde guturira.


Floxella Karire

Messages

  • Umwuga wugushikiriza amakuru wategerezwa kugira ubwigenge;
    ariko kandi n’abamenyesha makuru hamwe n’ibimenyesha makuru
    bakitondera inkuru bashaka gushira ahabona ;bakayisuzuma keshi gashoboka
    gushika babone vy’ukuri ko itagira amahinyu.Atari ivyo naho,murumva ko abanyagihugu twoba dushizwe mu bibazo vyishi (confusion).

  • Ababantu bomuri CNC ivyobavuga nivyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.