Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego rukuru rw’Abashingantahe rusaba umukuru w’igihugu kutazitoza ubugira (...)
Urwego rukuru rw’Abashingantahe rusaba umukuru w’igihugu kutazitoza ubugira gatatu
mardi 25 Ruhuhuma 2014
Inama nkuru y’Abashingantahe imenyesha ko irajwe ishinga n’ibiriko biraba mu Burundi, na cane cane ingendo igayitse yo guca ubunywenywe imigambwe mu kugira ubushami budafise inguvu bwa Nyakuri, co kiimwe no gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro vyanke bikunde.
Mu kiganiro inama nkuru y’Abashingantahe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruhuhuma uyu mwaka, abagize inama nkuru y’Abashingantahe mu Burundi bamenyesha ko batewe impungenge n’ingendo igayitse kandi ibandanya yibonekeza mu gihugu, y’ukurondera guca ubunywenywe imigambwe itavuga rumwe na Reta. Bavuga ko ivyo vyibonekeza ko bikorwa n’abategetsi bamwe bamwe, naho bigirisha badashaka kwiserura. Iyo ngendo yo gucamwo imigambwe udushami twa Nyakuri, urwego rukuru rw’Abashingantahe ruvuga ko, ababigira bicisha mu banywanyi bamwe bamwe b’imigambwe bafatwa nk’abataye umurongo mu migambwe baturukamwo. Babandanya bavuga ko ivyo vyagiye biraba mu migambwe nka CNDD, FNL, FRODEBU, UPD, ubu naho bikaba vyashitse mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA.
Mu rwego rukuru rw’Abashingantahe rero bakabona ko atakaburimvo, ivyo vyose biba bifise ico bigamije. Abari muri urwo rwego rero, babandanya bavuga ko hari abamaze kumera magabo kugira umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro ukunde vyanka vyakunda. Ku bw’abo Bashingantahe, iyo ngendo ikaba atakindi igamije, atari ugushaka gufasha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kugira ashobore kwitoza ikirinfgo kigira gatatu, mu gihe ikiringo ciwe ca kabiri kiri mu guhera. Bavuga ko naho umukuru w’igihugu atarabimenyesha, ntayindi ntumbero, atari kubandanya ari ku butegetsi, mu gihe amasezerano y’i Arusha avuga ko atamukuru w’igihugu n’umwe azorenza ibiringo bibiri.
Urwo rwego rukuru rw’Abashingantahe rukaba rusavye abashingamateka n’abakenguzamateka bitorewe n’abanyagihugu, ko hageze ikiringo co kwemeza amategeko, borangura amabanga yabo, bakarengera vyukuri inyungu z’imigambwe bavamwo. Basaba ko abo baserukira abanyagihugu, bofata ingingo ishingiye ku vyo abanyeporitike bari kumwe n’abaserukira amadini hamwe n’abari mu mashirahamwe ategamiye Reta bashitseko. Reta nayo, ikaba isabwa gukorera mu kuri, no ku mugaragaro, mu gushira imbere inyungu z’abanyagihugu bose ata n’umwe acaguwe.
Mu gihe urwo rwego rw’abashingantahe rwashikirije ivyo, rusanzwe ndetse rutemewe n’abari mu mugambwe CNDD FDD basanzwe barongoye igihugu, Ambassadeur Balthazar Habonimana arurongoye avuga ko badakeneye kwemerwa n’imigambwe canke abanyeporitike, ikibashimisha, ari uko bemewe n’abanyagihugu, bo bazi ico urwo rwego rubafasha. Tukabamenyesha ko urwego rw’Abashingantahe, rwatanguye mu kinjana ca 17 inyuma y’ukumenyekana kwa Yezu Kirisu. Avuga ko urwo rwego ari urwa kera, ndetse abashakashatsi bakavuga ko rushobora kuba rwatanguye mu kinjana ca 15 ku mwami Ntare Rushatsi Cambarantama.
Aristide Nizigire
Messages
25 Ruhuhuma 2014, 12:57, par Kevin
Abo n’abashingantahe bahe?Batunguniriza bande?ko bamye bari mu burundi ivy abahutu abatutsi abatwa,vyananiranye gute ariho bicaye.mbeg abantu bibigodyi !!
25 Ruhuhuma 2014, 13:16, par Nigendako Enock
Muvyukuri abo bashingantahe ivyo bavuga nivyo ntakindi cotuma umukuru wigihugu yitoza ubugira gatatu igituma bakazanya ngo yitoze abandi baratinya guhiganwa nurunani rwimigambwe itavuga rumwe na Cndd Fdd.
25 Ruhuhuma 2014, 13:17, par sivyubu
ivyo urwogwegorwabashingantahe rwavuzukuri.nirushikare kubarutemerwa igikuru nukuri sukwemerwa na CNDD-FDD hazogeraho barwemera nabo.nn nambagombakwitoza aciyemunyaga akamaro nakahe?asengiki?turarindiriye.ntavyaravuga.
25 Ruhuhuma 2014, 14:02, par gaga
Mbega abobigira abashinhantahe nibande babatoy sha about nibandayicebere ahubwo nibareke imigumuko barahinyuts bishakira ibibanza bitwaj urwego nibarab ingozabo nayahandi ivyabo twarabibony93 icobamaz aroko Ubuntu ntibazosubira
25 Ruhuhuma 2014, 22:16, par GIRAMAHORO
Banyakwubahwa BASHINGANTAHE Mwese ijambo UBUSHINGANTAHE,rivugika neza,ariko nimwebwe nyene mwatituye iteka ryubushingantahe,Ehe raba,abapasiyone bose bavuye mugisoda bahungira mubushingantahe,abenshi muribo nibo bakoze amaraso menshi mugukubita ama coup d,Etat,mukabinjiza mubushingantahe mutabatohojeko neza,Ehe raba muhengamiye kubatavuga rumwe na L,Etat,mururu gwandiko gwanyu biribonekeza neza aho muhengamiye,vyinshi mubivuga kuri L,Etat,IKIBIRI na Bandi birikumwe muri Oposition.ntanakimwe mubavugako,ntaninkebuzo yuko bokwitwara mwibi bihe,twimirije amatora,nukuvuga ko rero bera?.Ehe ikindi Bica Presidant NDADAYE yari yitorewe nabanyagihugu,ntaco mwanditse cank ngo muvuge,Ehe MICOMBERO,BAGAZA,BUYOYA incuro2,bica bagakiza ntaco mwavuga,Abenshi muri mwebwe mwafadikanije naba nvuze,mwari mwayo ma L ,Etat yica agaikiza uwashatse,Abenshi murimwebwe Mwarigaruriye avyabangajwe nayo ma L,Etat,bavuze gusubiza ivyabandi muri mubanana,Turabasavye mureke kutumena imitwe ngo muri nivyo muhanura,komuri abashingantahe nikubite intahe mugahanga abishe P .NDADAYE,tubone komwatiwe mubikwiye,Ayo majambo yanyu nibihendwa abana,ari rero AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO.Raba muze muragenzura abo mwatira,kuko abenshi murubo ntibabikwiriye.
25 Ruhuhuma 2014, 23:06, par Nibayabahe bayakoreshe!
Akarimi kavuga inangore karagoroka,mbega abo bashingantahe bi 72 ba maze iki 72?Kuri FNL?UPRONA NIKI?Nibemange!
26 Ruhuhuma 2014, 06:01, par Mama
@Giramahoro, Uvuzukuri kubikubwira mbonye arivyiza, kutabikubwira naho cobarigihombo gikomuye, Muvyukuri kuvuga abashingantahe nikintu ciza gikurikira izina rikomeye imana yavuze ryitwa ngo UMUGABO, Ariko ikibabaje nuko abitwa abashingantahe uyumusi barabitwemerera ko abashingantahe batanguye kubaho mukinyenjana ca 15 ivyo nkabishima, Arikonanje ndashaka kubaza abobashingantahe nti: Bashingantahe hariho amajwi yivyomwavuze canke inyandiko mwanditse mwiyamiriza ubwicanyi bwokwica abahutu mumyaka yaza 1972? kubandaya mwiyicwa rya Prezida Ndadaye nubwicanyi bwakurikiye, mwotubwira inama nkuru yabashingantahe icoyabivuzeho? Ariko ntakibazo mwotubwira namba mwobamwagize ivugurura ryinama nkuru yabashingantahe murikigihe UPRONA iyobowe na nyenicubahiro Conciline, nahonyene mwovugamuti turasavye imbabazi abarundi ko abashingatahe batakoze neza mubihe vyaheze atirero kubera murikigihe igihugu kirongowe nabantu bareka abantu bakavuga akarikumutima twiyemeje kugarura ijunja rya bashingantahe, ibindi mugenziwacu Giramahoro habivuze kuburebure, na Kevin yabivuze muncamake, cokimwe na Gaga
26 Ruhuhuma 2014, 12:01, par BAZOGENDA BARARWIRA
ya ya ya!
emwe,ndatangaye.
mbe abo bo badutse bava he?
ubu ku ntwaro y’iki DD, hoho barubahutse kuvuga?
mbega none, ku ntwaro y’IKIGAMBA bari hehe,ko batubahuka kurukura no mu kanwa igihe abasoda b’impeta zijejeta ari bo Lieutenant Général MICO’MBERO Mikaheli, Colonel BAGAZA Yohani-Batista hamwe na Major Petero BUYOYA,babica bigacika?
Ariko rero kubera abashakashatsi bavuga ko urwego rw’abashingantahe rwoba rwabayeho muri 15 siècle après J-C,urumva ko bari bashaje kuko hari kera cane.
ngira ngo mu mwaka wa 1972-2003 bari baza barapfuye!
Ubu rero ko vyabananiye kuzuka guhera 1972,baje kuzukira ku ntwaro y’iki DD?
Barazuka neza ntibahave basanga birutwa no kuguma iyo bahora!
27 Ruhuhuma 2014, 11:04, par Gicocoro
Ntivyari vyizako haba abaterana amajambo,ahubwo umwe wese yotanga intererano yiwe maze twese tukubaka igihugu cacu.
27 Ruhuhuma 2014, 13:35, par Kamana
Ariko mana,ubutegetsi burakundwa,yaretse nabandi bakayobora,uzigire kuri nuzehe mandera,cgs muzehe wacu kagame
28 Ruhuhuma 2014, 17:33, par BAZOGENDA BARARWIRA
ekaye,nta nkoko inyonga ikinga.
ivyo na vyo mwebwe ba Kamana muriko muravuga, erega twebwe ntidushigikira abononyi! iyo abarongoye leta bananiwe no gukora ku neza y’abanyagihugu benshi,twebwe ntitwosaba ngo babandanye gukora nabi. ariko ntiwibagire ko atawusangira intama n’uwuyirya.
Rero Kamana ico womenya,n’uko abo bashingantahe bo kw’izina gusa,batigeze bavuga na kimwe,igihe benewabo ari bo Lieutenant General Mikaheli MICOMBERO, Colonel BAGAZA Yohani Baptista,hamwe na Major Petero BUYOYA, batuntuza imitima y’abarundi bahorwa ngo n’uko Imana yabaremye mw’ishusho inyuranye n’iyo abo batatu bashaka.
mbe,burya ni bwo bushingantahe berekanye 1972 ?