Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Urwego rw’abakuru b’ibihugu vya CEPGL ruramaze igihe rudakorana
Urwego rw’abakuru b’ibihugu vya CEPGL ruramaze igihe rudakorana
jeudi 14 Myandagaro 2014
Mu karere ka CEPGL ( Communauté Economique des Pays des Grands Lacs) uruja n’uruza rw’abantu rukwiye kworoherezwa nk’uko bivugwa na Herman Tuyaga, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe.
Iryo shirahamwe risanzwe rihurikiyemwo ibihugu bigizwe n’akarere k’ibiyaga binini ari vyo Urwanda, Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, rikaba ryaragize ingorane zidasanzwe kuva aho hadukiye indwano mu karere kose, uhereye mu Burundi mu mwaka w’1993 n’ivyaciye bikurikira mu bihugu bihana imbibe. Umunyamabanga mukuru wa CEPGL Herman Tuyaga, akavuga ko ivyo bihugu biriko birabira hamwe ukwo vyohanahana ibidandazwa, maze uruja n’uruza rw’abanyagihugu narwo rukoroherezwa.
Ku vyerekeye uruja n’uruza rw’abantu, muri CEPGL bari bumvikanye ko ku mpapuro zikenewe kugira umunyagihugu ashobore kuva mu gihugu aja mu kindi ata ruhusha rusabwe (visa). Ibisabwa navyo ni ikarata karangamuntu isanzwe na cane cane ku banyagihugu bari ku mbibe, ikarata ya CEPGL itangwa n’igihugu cose kiri muri uwo muryango, hamwe n’igitabu c’inzira. Umunyagihugu rero wo muri uwo muryango afise rumwe muri izo mpapuro, arashobora kujabuka umupaka ata gisabwe. Mwomenya ko kuva uwo muryango wa CEPGL ushingwa wamaze imyaka igera kw’icumi udakora kubera amagume yari mu bihugu bigize iryo shirahamwe.
Inzego zigize ishirahamwe rya CEPGL akaba ari inama y’abakuru b’ibihugu, hanyuma urwego rw’abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu ,hakaza abajejwe gushira mu ngiro ivyo bikorwa ari bo umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuryango. Muri izo nzego rero, hakaba harimwo urwego rw’abakuru b’ibihugu ruamaze igihe rudakorana.
Aristide Nizigire
Messages
14 Myandagaro 2014, 14:09, par ngenzebuhoro
kuki Kagame Paul ari we mwashize imbere muri abo bakuru bibihugu? nukuvugako mumutinya canke ko ariwe afise urufunguzo rw’ibibazo mu karere?
14 Myandagaro 2014, 17:25, par gahutu
abarusha ubwenge
15 Myandagaro 2014, 01:37, par Said Hamad
@Ngenzebuhoro
Kuki utibazigituma bashizeko agatwe kiwegato abandi bakabashiriraho imitwe normale.
15 Myandagaro 2014, 12:51, par Igipina
@ Said Hamad: Ibintu wama wandika, bituma umuntu yumva yodahwa...
15 Myandagaro 2014, 16:01, par gahutu
ibitwe binini sibwo bwenge
18 Myandagaro 2014, 10:58, par mutabazi
Kagame bamushize imbere kubera ari mwicanye uri imbere yabandi bose kwisi. Ubundi yavukanye imbuto zi kwica!!! Ntibitangaje gushyira imbere yabandi iyo nkoramaraso