Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwego rw’abashingantahe rufise uruhara runini mu guhuza abatase - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Urwego rw’abashingantahe rufise uruhara runini mu guhuza abatase

Urwego rw’abashingantahe rufise uruhara runini mu guhuza abatase

vendredi 15 Munyonyo 2013

Kuva kera na rindi, urwego rw’abashingantahe rwamye rufasha mu kunywanisha abatase mu Burundi, mu kubumvikanisha imiryango idacana uwaka, na cane cane mu gukinga amatati indyane zitaraduka mu babanyi canke mu bavukanyi no gutegura ibiganiro mu batase.

Patiri Adrien Ntabona umwe mu bagize komite nkuru y’urwego rw’abashingantahe mu Burundi akaba n’umwigisha muri za kaminuza, yabivugiye mu ruganda rw’iminsi itatu, ruriko rurabira hamwe gukinga amatati n’uguhariranira atandwano zirinze kuba mu karere k’Afrika y’Ubuseruko. Uyu munsi rero bakaba barabiye hamwe uruhara rw’urwo rwego rwofasha mu karere nico rufasha mu Burundi. Urwego rw’abashingantahe rero rukaba rurazwa ishinga n’ukwo ukuri kwotsinda mu butungane, ukuri ntigutsindwe n’ikinyoma. Urwego rw’abashingantahe kandi rurafasha mu gutegura ibiganiro hagati y’impande ziba zifise ivyo zidahurizako mu ntumbero yo gukinga amatati induru zitarasekera.

Mu ntambara yo mu mwaka w’1993, abashingantahe barashoboye gufasha hamwe hamwe barakinga intambara, inganda ntizatikira. Ukuba rero barashoboye gufasha, kukaba kwaciye gutuma urwo rwego rwiyumvira kurwiza abashingantahe mu gihugu cosem ari naco gituma mu mwaka w’2002, urwo rwego rwashoboye kwatira mu mabanga y’abashingantahe abashika ibihumbi ijana na mirongo itatu (130000).Urwego rw’’abashingantahe rukaba rufise uruhara ruboneka mu gufasha abatase nk’uko bibandanya bivurwa na Patiri Ntabona.

Urwo rwego rero rukaba rushobora gufasha mu karere ka Afrika y’Ubuseruko mu guhuza aboba batase, na cane cane ko mu karere Uburundi buherereyemwo ibihugu nka vyose bisa n’ibisangiye akahise kamwe, uravye imyaka ishika 40 ibihugu bihurikiye mu karere ka EAC biza birahura n’ingorane z’ubwicanyi. Patiri Ntabona akaba arangiza ahanura abahuza abatase, kutigera bashiramwo aka mwana wa mama, mu gihe uwibaza ko afise ukuri asabira mugenzi we ko akwiye urupfu, nawe akisabira kuninahazwa ko ari uwera, ukuri ugasanga kwazingamitswe na bamwe mu bogushira hejuru.

ea_bunge on livestream.com. Broadcast Live Free

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.