IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego rw’igendereza rwarafashe ibiyayura mutwe mu kigobe

Urwego rw’igendereza rwarafashe ibiyayura mutwe mu kigobe

jeudi 2 Rusama 2013

Babifashijwemwo n’abanyagihugu batanze inkuru, urwego rw’igendereza mu Burundi rwarafashe ibiyayuramutwe mu mu gatondo k’ejo igenekerezo rya 1 Rusama mu nyubakwa iri mu Kigobe.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Emmanuel Nsabimana akorera igendereza ryo mu Burundi, abo bafashwe ni umuganda, umunyarwanda n’uwo muri Nigeriya, bakaba bafatanwe urumogi, amababi ya kokayine, n’imashine iboneka ko yoba ariyo isya ibiyayura bwenge. Inyuma y’ukwumvirizwa, uwo wo muri Nigeriya yavuze ko ari umworozi, umunyarwanda yishura ko ari umubaji, umwigeme nawe aturuka mu gihugu ca Ouganda avuga ko we ari umukunzi w’uwo wo muri Nigeriya.

Emmanuel Nsabimana ashikiriza ko hakiri kare kugira bamenye aho ivyo biyayura mutwe vyazananye, ko mu gihe vyoba nkenerwa bazokorana n’abakorera igendereza ryo mu bindi bihugu biteye imbere kubarusha.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ego kweli... Ubu rero abo mu bihugu bibanyi babonye ko mu Burundi ariho hakwiye kuba isoko y’urumogi? iryo niryo terambere babona botuzanira? Nibateshwe bate mu Burundi turakanura. bimwe vya bacemwo ntibikibaho kabisa mu burundi. Documentation yakoze cane kandi dushaka kuza turayumva mu bikorwa vyiza nk’ivyo. Abo bafashwe nabo nibatabwe mu munyororo nta kundi, n’abandi bo hanze bumve ko turi maso. Barinda badutumako mu makungu guhagararira amahoro, mwumva twonanirwa n’iwacu? Never......

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.