Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Abascout batoye itegeko ryo guhuza ibitsina ku babisangiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Abascout batoye itegeko ryo guhuza ibitsina ku babisangiye

USA: Abascout batoye itegeko ryo guhuza ibitsina ku babisangiye

samedi 25 Rusama 2013

Ibice birenga mirongo itandatu kw’ijana vy’abascout 1400 bagize inama nkuru y’igihugu y’imiyabaga y’abascout, batoye itegeko risubizaho ivyari vyarabujijwe kw’igenekerezo rya 23 Rusama bijanye no guhuza ibitsina ku babisangiye.

Imiyabaga y’abascout bo muri Leta zunze ubumwe za Amerika basubijeho biciye mu matora uburenganzira bwo kuguma mu muhari naho woba uhuza igitsina n’uwo mugisangiye. Ariko kubw’abakuru babo, ni ukuvuga abahumure bo muri uwo muhari w’abascout, bararahira bakarengwa ko ivyo bintu bidashoboka mu muhari wabo.

Ibice rero birenga mirongo itandatu kw’ijana ku banywanyi 1400 bagize inama ku rwego rw’igihugu y’imiyabaga y’abascout, bemeje umwidegemvyo ku banywanyi b’umuhari basanzwe bahuza ibitsina babisangiye, mw’ikoraniro uko umwaka utash i texas kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Rusama 2013.
Ibigabane vyinshi vy’umuhari w’abascout bishingiye ku mashengero no muyindi mirwi y’ijambo ry’Imana.

Ivyo bigabane rero biteye kubiri n’ivyo vyo guhuza ibitsina ku babisangiye kandi n’abavyeyi benshi bihutiye guhagarika abana babo b’abahugu muri uwo muhari w’abascout. Umuhari w’abascout watangujwe mu 1910 na Baden Powell, ariko nta politike ibuza guhuza ibitsina kubabisangiye yigishijjwe gushika 1991.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.