IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA isaba Reta y’Uburundi kwemera amatohoza yigenga

USA isaba Reta y’Uburundi kwemera amatohoza yigenga

vendredi 22 Nzero 2016

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira Reta y’Uburundi kwemera amatohoza yigenga,inyuma y’icegeranyo cerekanye ko hari ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu bibera mu Burundi.

Mw’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika,isaba Reta y’Uburundi kwemera abarorerezi b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,kugira bagire amatohoza ku bivugwa ko hari ugusinzikaza agateka ka zina muntu ku rugero rukomeye,kandi bareke guhungabanya igikorwa cabo.

Muri iryo tangazo,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko abantu bose bakorera amabi abarundi bazoshikanwa imbere y’ubutungane kandi babibazwe kandi bavyishure.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba ko ibiganiro atawe bikumira kandi ataco bisavye vyotangura mu maguru masha hagati y’impande zose zegwa n’ikibazo c’Uburundi.

Kuva mu kwezi Munyonyo umwaka wa 2015, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarakuye uturusho ku Burundi,mu bijanye no kwinjiza canke gusohora ibidandazwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.