Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Obama yahagaritse ingendo muri Aziya
USA: Obama yahagaritse ingendo muri Aziya
mercredi 2 Gitugutu 2013
Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, vyavuze ko Barack Obama yahagaritse ingendo yari kugirira muri Malysia na Philippine mu ndwi buca itangura kubera ikibazo c’ubutunzi muri Leta zunzubumwe z’Amerika.
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu yavuze ko Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika ari no kwiga niba azobandanya urugendo yari kugirira no muri Indonesia na Brunei. Ico kibazo c’ubutunzi kibaye ubwa mbere mu myaka 17 ishize, catewe n’uko inama zose (nshingamateka na kenguzamateka) zitashoboye kwumvikana ku ngingo y’ubutunzi muri ico gihugu ca rutura.
Abakozi ibihumbi bakaba baciye barungikwa iwabo kuko ibisata bimwe vya Leta vyaciye vyugara.
Aristide Nizigire