Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA yemeje urupfu rwa Hadji Moutazz umwe mu ndongozi za EI
USA yemeje urupfu rwa Hadji Moutazz umwe mu ndongozi za EI
samedi 22 Myandagaro 2015
Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko Hadji Moutazz yagira kabiri mu urwi wishinze gushinga Reta ishingiye ku mategeko ya Islamu yishwe mu gitero c’indege za Amerika kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro 2015.
Mw’itangazo ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 21 Myandagaro,biciye ku muvugizi wavyo,ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyamenyesheje ko Hadji Moutazz yishwe ari mu modoka hafi y’ahitwa Mossoul,ari kumwe n’uwujejwe kumenyesha amakuru Abou Abdallah.
Hadji Moutazz yafatwa nk’uwuza mu kibanza ca kabiri,niwe yagenzura ibikorwa vy’intambara mu muhari wishinze gushinga intwaro zishingiye ku mategeko ya Islamu,bivugwa kao ari nawe yatumye uwo murwi umenyekana cane.
Abashakashatsi bavuga ko urupfu rwa Hadji Moutazz ataco ruhindura ku gikorwa c’umurwi EI kuko winjije abarwanyi benshi bashobora kumusubirira,harimwo abahoze bakomeye mu gisirikare ca Saddam Hussein.
IGIHE
Messages
25 Myandagaro 2015, 05:25, par esclave
Ariko bishe umugizi wa nabi umwe bokwirirwa barabitangaza kandi haba hasigaye abandi beshi? yaha Sadam Houssein raba baramwishe ariko abo bakorana barasigaye. Obama Bin Ladden baramwishe ariko al kaida yarabandanije. Coronel Kadhafi barakumbitse babicishije kuri ba nsumirinda baba mu gihugu ciwe ariko ntibamaze abayoboke biwe. ahubwo nimba bofata indege ikava muri America bakagenda bishe umwe gusa nabone impinga izobabana ndende